Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/04/2023

Publié le 21 avril 2023 par Rédaction
I. Haraheze iminsi 5 atawuzi irengero ry’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Umuryango wiwe ubu ukaba wugaraniwe mu nzu imwe. Kubwa Eugène Nindorera, umuhinga mu bijanye n’agateka ka zina muntu, guhohotera umuryango w’uwahora ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni biciye kubiri n’amategeko, kuko umuntu wese akurikiranwa ku gatwe kiwe. Ni mu gihe umuryango wa Alain Guillaume Bunyoni uriko uraturatuzwa uhorwa ivyo yagirizwa. Kubwa Eugène Nindorera, ayo mafuti yo kurenga amategeko agenga igihugu yarigaragaje no muri kahise k’Uburundi, hari hageze ko ahagarara. Mukamenya ko ishirahamwe FOCODE ryemeza ko Alain Guillaume Bunyoni yafashwe akaba yabibwiwe n’umuryango wiwe, aho wariko uramutabariza kubw’umutekano wiwe.
II. Kugira Uburundi bushobore gusohoka mu bibazo burimwo vya politike, imibano n’ubutunzi, busabwa gusubira gukurikiza ivyashitsweko mu masezerano y’amahoro no gusubiza hamwe y’Arusha. Ni kimwe mu vyasabwe n’abitavye inama mpuzamakungu yahuje abarundi bava mu mihingo itandukanye y’isi, yasozerewe kuri uyu wa gatanu i Buruseli mu gihugu c’Ububiligi.
III. Umugwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukurekuriranira wabaye igikoresho c’umugambwe CNDD-FDD, ari na co gituma ivyo ukora biraba uwo mugambwe wonyene. Ivyo bivugwa na Léonce Ngendakumana, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu. Akaba yabivuze ejo iyo ari i Buruseli mu gihugu c’Ububiligi, muri iyo nama mpuzamakungu ijanye no kuganira ku vyerekeye amasezerano y’amahoro y’i Arusha. Kubwa Léonce Ngendakumana, umugwi CVR uriko ukora kugira ushimishe abarundi bo mu bwoko bumwe, hanyuma ubabaze abo mu bundi bwoko. Ivyo na vyo ngo siyo yari intumbero y’uwo mugwi ukurikije ibiri ma masezerano y’i Arusha.
IV. Léonce Ngendakumana yaragize n’ico avuga ku vyerekeye amabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu ahari uno musi. Abona ko ayo mabanga ata na hamwe yanditse mw’ibwirizwa nshingiro, nk’uko bimeze ku bandi bantu bafise amabanga akomakomeye. Ku bwiwe akazi k’icegera c’umukuru w’igihugu kari gakwiye kumenyekana neza, canke ico kibanza kigafutwa.
V. Urunani rw’abashingwamanza b’abarundi baburanira abakorewe amabi akurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu rurahagaritswe umutima n’amajambo abiba urwanko ashikirizwa n’abategetsi b’Uburundi, hamwe n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi, agamije gutera ubwoba abo badasangiye ivyiyumviro vya politike, amajambo ashobora no gushikana kw’ihonyabwoko ata gikozwe. Bishikirizwa n’umushingwamanza Félix Niyonkuru ari mu bagize urwo runani CAVIB, inyuma y’uguhanahana ivyiyumviro mu bagize urwo runani ku bijanye n’icaha c’ihonyabwoko mu karere, bigahurirana n’igihe c’iminsi 100 igihugu kibanyi c’Urwanda kiriko kiribukamwo ihonyabwoko ryakorewe abatutsi. Agasaba leta y’Uburundi gushiraho politike n’amategeko ahasha abantu babiba urwanko hagati y’abarundi.
VI. Urugo rw’uwitwa Roger Nizigiyimana aba ku mutumba Rutoke muri zone ya Rugari, komine n’intara ya Muyinga, rwarahiye ruturiwe n’inkozi z’ikibi zitaramenyekana mw’ijoro ryo ku wa gatatu rishira ku wa kane, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro avyemeza. Roger Nizigiyimana akavuga ko ubwo bukozi bw’ikibi bwakozwe ku muhana iwe bumuteye ubwoba cane. Hari haciye imyaka ibiri, ubugizi bwa nabi nk’ubwo bubaye kuri uwo mutumba nyene, aho inkozi z’ikibi zaturiye inzu, abantu 5 bo muri uwo muryango bakahasiga ubuzima.
VII. Mu ntara ya Muyinga, uwahora arongoye ishami ry’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana FADECO, muri komine Giteranyi, Pontien Havugimana, yaratawe muri yompi kuri uwu wa gatatu mu ntara ya Mwanza, mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, aca aratahukanwa mu Burundi n’igipolisi ca Tanzaniya. Aho n’inyuma y’indwi yariheze ahunze igihugu agiye atwaye amafranga arenga imiriyoni 36, nk’ukwo amakuru ava mu Giteranyi abimenyesha. Abari bafise ubutunzi muri iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana, bakizera kuzosubizwa ayo baziganyije.
VIII. Abakozi bo ku bitaro Prince Régent Charles bariyamiriza ubusuma na ka mwana wa mama gakoreshwa n’abarongoye ivyo bitaro mu gutanga akazi. Bavuga ko ata gikozwe mu maguru masha, ivyo bitaro bishobora kugenda akagirire. Basaba umukuru w’igihugu gufata mu minwe ico kibazo.
IX. Mw’ikambi y’impunzi z’abarundi bahungiye i Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi havugwa ibura ry’umuyagankuba mu mavuriro. Aho bigeze, impunzi kugira ngo zivurwe ni zo zizanira amatoroshi, uwutayifise agasubizwa inyuma atavuwe. Abo barundi bavuga ko ababahaye ubuhungiro babahimvye, kandi ko amagara yabo agiye gusinzikara, kuko nk’umuntu aremvye azohasiga ubuzima. Basaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR, gukemura ico kibazo vuba bwango ku neza y’amagara y’impunzi.

Ibindi bisa n'ibi