Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/04/2023

Publié le 24 avril 2023 par Rédaction
I. Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere afungiwe mu biro vy’iperereza. Vyemezwa na Agnès Bangiricenge avugira sentare ntahinyuzwa, akaba yabivuze kuri uno wa mbere mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye cabereye ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke. Agnès Bangiricenge yamenyesheje ko Alain Guillaume Bunyoni mu vyo yagirizwa, harimwo guhungabanya umutekano w’abanyagihugu, hamwe no kubangamira ubutunzi bw’igihugu. Mu misi iri imbere, umuryango ngo uzoshobora kumubona.
II. Urunani rw’abashingwamanza baburanira abantu bituye sentare mpuzamakungu mapanavyaha y’i la Haye, rurashima ihagarikwa rya Alain Guillaume Bunyoni asanzwe avugwa n’abo bitwaye, nk’umwe mu bagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu mwaka wa 2015 kubera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ciyamirijwe n’abatari bake. Ariko urwo runani rw’abashingwamanza rusaba ko urubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni rwoba hakurikijwe amategeko. Me Armel Niyongere ni umwe muri abo bashingwamanza.
III. Nta bifungurwa bibura mu mabohero y’i Burundi. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Ndamukiza uno mwaka, n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane, mu kiganiro rusangi abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu bagiranye n’abanyagihugu. Anna Mariya Nkeshimana, avuga ko ubwo bushikiranganji buriko ibishoboka kugira ngo bushire mu ngiro ingingo y’umukuru w’igihugu yo kugabanya ibitigiri mu mabohero.
IV. Insiguro itangwa n’ubushikiranganji bw’ubutungane ntifashe na gatoya, kuko bimaze kwibonekeza ko hashobora guhera ikiringo kinini abanyororo bataronkejwe ibifungurwa. Bishikirizwa na Me Jean Claude Ntiburumusi ajejwe ibibazo vy’ubutungane muri ACAT Burundi. Ku bwiwe ngo hiyongereyeko abandi leta yari ikwiye kurondera ubundi buryo bugenewe gufasha bashasha, aho kurenga amategeko.
V. Umunyororo w’ubuzima bwabo bwose n’ugutanga indishi y’akababaro ingana n’imiliyoni 10 z’amafranga y’amarundi, ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yaraye iciriye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, umutamakazi w’imyaka 62 azwi kw’izina rya Ndayicariye Libye n’umuhungu wiwe Hatungimana François w’imyaka 38. Hakaba ari inyuma y’aho bagiriwe n’icaha c’ukwica kandi babiteguye, mu bucagucagu bwo kuri uwu w’Imana, uwitwa Siméon Ntirwonza w’imyaka 58. Abo bose bakaba bari abo ku musozi Kabungo wo muri komine ya Gatara n’intara ya Kayanza.
VI. Abajejwe intwaro muri komine ya Gasorwe mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko umutekano w’abantu n’ibitungwa ubangamiwe mu mitumba imwe imwe y’iyo komine, aho hari imbwa ziyerereza zirya ibitungwa, nk’impene, ingurube be n’inkwavu mbere rimwe na rimwe ngo zikarya n’abantu, nk’ukwo vyemezwa na musitanteri wa komine Gasorwe, Dieudonné Niyonizigiye. Uwo mutegetsi agahamagarira abanyagihugu bo ku mitumba hibonekezako izo mbwa, kuzihiga bakazica.
VII. Mu makuru y’inkino, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ku rwego rw’igihugu ryarabandanije ku ndwi igira 26, umugwi Bumamuru wo mu Cibitoke ukaba ari wo uri kw’isonga. Nayo muri Basketball, imigwi 8 igiye guhiganirwa igikombe c’uno mwaka yaramaze kumenyekana yose, ikaba ari iyo mu gisagara ca Bujumbura. Muri Volleyball, naho inkino mw’ishirahamwe ry’i Bujumbura zigeze ku ndwi igira kabiri.

Ibindi bisa n'ibi