I. Abakoresha bose babwirizwa gukora batanga n’akarorero keza mu ntumbero yo kugwiza umwimbu no gutuza ubukene. Ako ni akamo k’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, akamo kari mw’ijambo yashikirije abarundi mu gihe kuri uno wa mbere rusama, amakungu aramutse ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yabwiye abategetsi bose badakorera ineza y’abanyagihugu, bakanyonora amatungo ya leta, ko bokwimba bigera. Yanamenyesheje ko leta igiye gusubira gukomeza ibiganiro hagati ya leta, abakozi n’abakoresha ku neza y’abakozi bose.
II. Nyamara ngo umusi mpuzamakungu wahariwe akazi n’abakozi ushitse mu gihe abakozi mu Burundi babayeho mu buzima bugoye, kubera ibiciro kw’isoko vyabaye umurengera, mu gihe haheze imyaka myinshi agashahara kataduga. Bivugwa na bamwe mu banyagihugu b’abakozi ba leta bavuganye na radiyo Inzamba agateka kawe. Abari mu nzego z’igisirikare n’igipolisi ni bo bashima ko bongewe agashahara, ariko bagasaba ko ibiciro vyogabanuka ubuzima buzimbuke.
III. Ishirahamwe ryiyemeje gufata mu nda abaharanira agateka ka zina muntu bari mu buzima butoroshe « Ensemble pour le Soutien des Défenseurs des Droits Humains en Danger », mu gifaransa, rirashima irekurwa ry’abaharanira agateka ka muntu batanu, barekuwe ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 28 Ndamukiza. Ariko iryo shirahamwe rikanegura n’igihe cose bari bamaze bapfungiwe ubusa mw’ibohero rya Mpimba. Germain Rukuki arongoye ESDDH, aributsa ko umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye amaze na we nyene amezi arenga umunani apfungiwe ubusa, co kimwe n’abanywanyi cumi na batandatu b’ishirahamwe « MUCO » bapfungiwe i Gitega, agasaba y’ukwo bose borekurwa ata kibanje gusabwa.
IV. Ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC Génocide Canada ririyamiriza ibikorwa vy’umugwi ujejwe kuvuga ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR, uhakana nkana ivyabaye muri kahise, aho uwo mugwi wemanga ko abarwanyi ba Mulele batumweko n’ubutegetsi bwa Micombero, kugira bice abarundi. Dr Emmanuel Nkurunziza yanonosoye ivyigwa vy’imvugo n’ibijanye n’ihonyabwoko akaba n’umunyamabanga wa AC Génocide Canada, abona ko iyo mvugo ari iy’ibiterasoni ku mugwi uriko urondera kunywanisha abarundi, mu gihe leta ya Michel Micombero yari ifitaniye ubucuti bwiza na leta ya Mobutu Sese Seko. Kubwa Dr Emmanuel Nkurunziza, ingendo y’uwo mugwi ngo ntitangaje na gato kuko usanzwe ukorera mu kwaha kwa leta.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza barashima kubona muri kino gihe ibiciro vy’umuceri biriko biragabanuka ku masoko. Bamwe mu badandaza n’abaguzi bakibaza ko ari ukubera ari mu kero k’umuceri uva mu kiyaya c’Imbo, abandi bakavuga ko ari ukubera leta yakuye ama tagisi kuri bimwe mu bifungurwa vyinjira biva mu mahanga. Bagasaba ariko ko abadandaza bokwinjiza n’ibiharage, kugira na vyo bigabanuke ibiciro na cane cane ko n’uwo muceri ata wowurumanga atagira ibiharage.
VI. Ikiringo c’indwi kirarangiye ata mazi abonetse mw’ikambi y’impunzi z’abarundi yo mu Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira Demokrasi. Impunzi zifise ubwoba ko hashobora kwaduka indwara zifatiye kw’isuku rike. Aho bigeze basigaye bavoma amazi yo mu migende n’inzuzi, bagasaba HCR kubaronsa amazi meza.
VII. Mu makuru y’inkino, biragoye kumenya hagati ya Bumamuru na Flambeau, umugwi uzotwara igikombe c’uyu mwaka. Ni mu gihe hasigaye indwi 3 ngo ihiganwa ku rwego rw’igihugu rirangire. Muri Basketball, iyi ndwi twaraye dusozereye, yaranzwe n’inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma ku rwego rw’igihugu. Muri Volleyball, mw’ishirahamwe ry’i Bujumbura, igice ca mbere c’ihiganwa caraye kirangiye.