I. Sentare isubiramwo imanza ya Mukaza yashimangiye urubanza rwari rwaciwe na sentare nkuru ya Mukaza rwo guhanisha umunyororo w’imyaka 10 n’ihadabu ry’umuliyoni mu mafranga y’amarundi, ku mumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Iyo ngingo yerekana ko ata bwigenge bwo gushikiriza iciyumviro wobaza mu Burundi, canke ibijanye n’agateka ka zina muntu. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB. Amenyesha ko ivyo bica kubiri n’ibivugwa n’umukuru w’igihugu, agenda aravuga ko ubutungane bwigenga, mu gihe biboneka neza ko bukoreshwa n’ubutegetsi mu ma dossier amwe amwe buba bushaka guhohotera.
II. Ukuri kurakiza kugasubiza hamwe abantu. Ako ni akagohe k’umwepiskopi mukuru wa Diyoseze ya Bururi, Salvator Nicitegetse. Yabivugiye mu nkuka y’imisa yo kwibuka abamaratiri b’i Buta ku musi wa gatandatu, inyuma y’imyaka 26 abanyeshure 40 bagandaguwe banse kwivangura mu moko. Agahamagarira leta kutabesha ku vyahitiye mu gihugu, na cane cane ku vyabaye mu 1972, aho avuga ko yavyiboneye kandi yanarokotse. Akavuga ko atari aba Maï Maï bishe abatutsi, anatera ivyatsi ubwicanyi bwakurikiye bwahitanye abahutu isinzi.
III. Abantu 21 barishwe, 3 baranyuruzwa, 72 barahagarikwa bidakurije amategeko. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi, co muri kuno kwezi kwa kane guheze. Anitha Gateretse ajejwe imigambi (coordinatrice de projets) muri iryo shirahamwe rigwanya ihohotera rya kiremwa muntu, asaba Leta ko hoba amatohoza ku vyerekeye amabi akorwa mu gihugu no guhana abo vyagira.
IV. Basaba ubushikiranganji bw’ubutungane ifutwa ry’urubanza nomero 0152/2007 rwo kw’igenekerezo rya 16/06/2007 ryakozwe na sentare y’intango ya Buterere kw’igenekerezo rya 24/02/2023, rujanye n’amatati y’amatongo ari muri Kiyange-population muri zone Buterere. Mu rwandiko rwo kw’italiki 27 z’ukwezi kwa gatatu guheze rwashikirijwe ubushikiranganji bw’ubutungane, umushingwamanza Odetta Nemeyimana avuga ko urubanza rwaciwe mu matati y’amatongo ari hagati y’uwo muryango n’abasigwa ba Kambenga Selemani, rurimwo amahinyu.
V. Imyidogo ni myinshi ku banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi. Ni mu gihe bamaze igihe kitari gito bataronswa amafranga y’ingurane abafasha kwibeshaho, bita mu gifaransa prêt-bourse. Amakuru dukura aho muri kaminuza, amenyesha ko kuva umwaka w’ivyigwa w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kabiri ushira uw’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na gatatu utangura (2022-2023), abo mu mwaka wa gatatu ata mafranga bararonswa, abo mu wa kabiri bamaze kuronka ukwezi kumwe, abo mu mwaka wa mbere nabo bamaze kuronka amezi abiri gusa. Ivyo biri uko, mu gihe ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa vyaduze. Abo banyeshure bagasaba ko ubushikiranganji bw’indero bwobagarukirako mu kubatunganiriza.
VI. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aritezwe muri ino ndwi i Bujumbura, azoba aje mu nama igira 11 y’abakuru b’ibihugu vya kano karere ku bijanye n’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, na Kivu yo mu buraruko. Comité ijejwe gutunganya iyo nama yakoranye kuri uyu wa kabiri, inama y’abashikiranganji b’imigenderanire nayo nyene irategekanijwe, bazoca bicarana bategure iyo nama y’abakuru b’ibihugu vya kano karere yo kw’igenekerezo rya 6 kuno kwezi turimwo.