Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/05/2023

Publié le 4 mai 2023 par Rédaction
I. Amashami abiri y’umugambwe w’abadasigana UPRONA yari yaratandukanye, kuri uno wa gatatu yarasubiriye kwiyunga. Kubwa Olivier Nkurunziza, arongoye ishami rimwe, ngo imvo nyamukuru y’uko gusubira kunywana ngo n’ukugira umugambwe UPRONA washikanye igihugu ku ntahe yo kwikukira, usubire kugira ijunja n’ijambo mu gihugu.
II. Eka na Evaritse Ngayimpenda na we asanzwe arongoye irindi shami ry’umugambwe w’abadasigana arashima ico gikorwa ngo kuko ubugirigiri bugira babiri.
III. Ku ruhande rwa Tatien Sibomana ari mu kindi gisata gihurikiyemwo abadasigana mu rwandiko yashikirije, avuga ko ico gikorwa caraye kibaye ataco azi. Akavuga ko abo baraye basubije hamwe, amasezerano y’i Arusha yasambuwe babona barinumira. Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR wirirwa urashikiriza ibinyoma ku mabi yakozwe mu gihugu, bagaceceka hatibagiwe abanyagihugu bari mu ma sites y’abateshejwe izabo mu 1993, birirwa baracurwa bufuni na buhoro, iyo Uprona icuditse n’ubutegetsi ihari.
IV. Uwahoze arongoye Uburundi Jean-Baptiste Bagaza, yarateje imbere igihugu bimwe bigaragara mu bisata vyose, yifashishije abahinga babikwiye bavuye mu gihugu c’Ubudagi. Vyashikirijwe na Zénon Nimubona, arongoye umugambwe w’imbogora Burundi PARENA, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, itariki uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yitavye Imana. Ku bwiwe, ngo harakenewe icibutso abarundi twese twibukirako Prezida Bagaza, turavye ivyo yaranguye mu gihugu.
V. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi barereye mw’ishure ryisumbuye rya Nyakibingo, muri zone ya Rushubije, ya komine Ntega, mu ntara ya Kirundo. Bidoga bavugwa ko batangishwa amafranga 3000 ngo vyo gutegura abanyeshure bazokora ibibazo vya Leta, hamwe na 5000 bizotuma baronswa urupapuro rw’umutsindo. Abo bavyeyi bavuga ko ayo mafranga adasiguritse, ko ahubwo babona ko ari ubusuma bw’uwurongoye iryo shure.
VI. Imyidogo ni myinshi ku bayobozi b’amashure ya leta n’ayigenga bo mu ntara ya Makamba, aho abayobozi b’amashure biyamiriza amafranga atozwa n’ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Makamba, badasiguriwe ico agiye gukora. Abo bayobozi b’amashure ya leta hamwe n’ayigenga bo mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Makamba, bavuga ko bama basabwe amafranga n’ubwo buyobozi ata nsiguro y’ico agiye gukoreshwa. Aho bakavuga ko badasiba kwakwa amafranga ari hagati y’ibihumbi bitanu 5000 n’ibihumbi cumi 10000 ku gice ku gice. Bakiyamiriza ayo mafranga basabwa, kandi ubushikiranganji butanga ayakoreshwa mu gukora ibikorwa bitandukanye bikorerwa mu buyobozi bwose bw’indero mu gihugu.
VII. EX.PRESS ni ishirahamwe rishasha ritegamiye leta ryitwa  Global Organisation To Support Exiled Journalists. Ni ishirahamwe ryishinze kumenya abamenyeshamakuru bakorera mu buhungiro mu ntumbero yo kubafasha, kugira babandanye bakora umwuga wabo neza. Louisa umwe mu bashizeho iryo shirahamwe arabisigura. Mukamenya ko iryo shirahamwe risanzwe rikoresha ubuhinga ngurukanabumenyi.

Ibindi bisa n'ibi