I. Abana babiri baraye bitavye Imana, abandi bantu babiri umwana n’umuvyeyi barakomereka, baguweko n’inzu, mu ma komine ya Kayanza na Matongo mu ntara ya Kayanza. Ivyo bikaba vyabaye mu gihe c’imvura nyinshi ivanze n’umuyaga, yaguye ku muhingamo wo kuri uwu wa kane muri ayo makomine. Abo bana bahuye n’iryo sanganya, babiri ni abo muri karitiye Kirema yo mu gisagara ca Kayanza, aho hitavye Imana umwana w’imyaka hafi itatu, uwundi na we w’imyaka itanu arakomereka. Uwundi mwana yitavye Imana yari akiri uruhinja. Hakaba hari ku mutumba Mutarure wo muri komine Matongo, aho na nyina wiwe yakomeretse. Iruhande y’ubwo buzima bw’abana bwahasigaye abandi bukahasinzikarira, hari n’inzu zishika umunani zasenyutse ku mitumba Kirema na Musave yose yo mu gisagara ca Kayanza. Imiryango yose yahuye n’ivyo vyago igasaba kugarukirwako.
II. Umukenyezi yari azwi kw’izina rya Niyidutunze Severa w’imyaka 23 yava ku mutumba Mugera, komine Kabarore n’intara ya Kayanza, yaritavye Imana kuri uwu wa kane amaze gushikanwa ku bitaro bikuru vyo mu Kayanza. Hakaba ari inyuma y’aho ku musi wa gatatu yihaye isumu y’imiti ikoreshwa mu gupompa ibiterwa. Intandaro y’uko kwiha ubwo burozi, uwo mukenyezi ngo yahora yinuba ko umugabo wiwe yoba afise abandi bagore mu rufuri, nk’uko abajejwe intwaro babishikiriza. Mu bitaro aho yitabiye Imana, bakavuga ko yari afise n’imbanyi y’amazi atatu. Abajejwe intwaro bagahamagarira abubakanya kwirinda ivyobacanishamwo.
III. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu Human Rights Watch, risaba leta y’Uburundi guhagarika ibikorwa biburabuza abamenyeshamakuru n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Ako kamo gatewe inyuma y’aho sentare y’iyungururizo ya Bujumbura Mairie, yemeje ko umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye abandanya apfunzwe. Kubwa Clémentine de Montjoye umushakashatsi wa HRW, ku mugabane wa Afrika, amakungu yategerezwa guhaguruka agasaba irekurwa atagisabwe ry’uwo mumenyeshamakuru, akereka n’abategetsi b’Uburundi y’uko icizere c’amakungu kizogarukanwa n’iyubahirizwa ry’uburenganzira bwo kumenyesha amakuru n’ubw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.
IV. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB riradomako urutoke umutegetsi mu gipolisi c’Uburundi, yagirizwa ubwicanyi n’ayandi mabi mu 2015, yaserukiye Uburundi mu nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu iriko ibera i Genève muri Suisse. Kubona Christophe Manirambona batazira Wakenya, icegera c’umugenduzi mukuru mu gipolisi aseruka mu nama nk’iyo, n’agasuzuguro ka Leta y’Uburundi kubari muri yo, igerageza kwerekana ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza. Carina Tertsakian, arongoye ishirahamwe IDBH.
V. Ejo aho bukera mu gisagara ca Bujumbura hazoba inama igira cumi na rimwe yo kurabira hamwe ivyerekeye amahoro n’umutekano mu gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo no mu karere. Iyo nama izokwitabwa n’abakuru b’ibihugu n’ama leta bo muri Afrika y’ubuseruko EAC no muri Afrika y’ibiyaga binini CIRGL. Umugambwe MSD waboneyeho akaryo ko gusaba abo bakuru b’ibihugu n’ama leta bazokwitaba iyo nama, kugondoza umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kugira ngo yemere ibiganiro bihurikiyemwo bose, mu ntumbero yo kugarukana amahoro mu Burundi no gutunganya amatora atekanye kandi yizewe na bose. Umugambwe MSD ubona ko amahoro agarutse mu Burundi, ata nkeka no muri Congo amahoro azoca agaruka. Alexis Sinduhije, arongoye umugambwe MSD.
VI. Mu gihe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU azokwitaba iyo nama, nticoba icitwazo co kuvuga ko Uburundi ari nyabagendwa mu gihe hakirangwa ubwicanyi butuma impunzi zidatahuka n’uguhonyanga bikabije agateka ka zina muntu. Bisigurwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ibibanza vya politike. Ni mu gihe Antonio Guterres yitezwe kuri uno wa gatanu i Bujumbura muri iyo nama ihuza abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ku kibazo c’umutekano mu karere k’ubuseruko bwa Congo, be no mu karere.
VII. Abapolisi batatu bo mu ntara ya Rumonge baraye ijoro rya mbere mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Rumonge kuva kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Rusama uno mwaka. Bagirizwa gukubagura n’ukwiba amafranga uwunguruza abantu kw’ipikipiki, bamwagiriza kutagira ibikofero bambara bari ku mapikipiki. Abanyagihugu, basaba ko borengutswa imbere y’ubutungane, bagiriwe n’ikibi bagahanwa hisunzwe amategeko.
VIII. Abana bagera 350 ni bo bamaze kumenyekana ko batazi ba se muri komine ya Butaganzwa n’intara ya Kayanza. Ivyo ni ibishikirizwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine, mu cegeranyo cakozwe mu mezi cumi aheze. Bamwe bakabonako leta yoshiraho uburyo bwa ca gipimo ADN kugira vyorohe gutorera inyishu ico ikibazo.