Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/05/2023

Publié le 6 mai 2023 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ni we kuva ubu, arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vyashize umukono ku masezerano y’amahoro n’umutekano no gufashanya muri kano karere. Akaba yasubiriye umukuru w’igihugu wa Congo Félix Tshisekedi, yaramaze umwaka ari we ayirongoye, ikiringo ciwe kikaba cari giheze. Babisikanije mu birori vy’inama igira iya 11 y’inama y’abakuru b’ibihugu n’ama leta yabereye i Bujumbura kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Rusama 2023. Inyuma y’amajambo yashikirijwe n’abari bitavye iyo nama, abakuru b’ibihugu b’aka karere baciye batangura inama hagati yabo yo kurabira hamwe ingene umutekano wifashe mu buseruko bwa Congo, bongere bafate ingingo y’icokorwa kugira amahoro n’umutekano bigaruke, bisunze aha nini amasezerano ya Luanda hamwe n’aya Nairobi ategeka abagwana guhagarika intambara bakitaba ibiganiro. Iyo nama ikaba yabaye mu mwiherero, tukazogaruka kubiza gufundikwa mu makuru yacu yo hanyuma.
II. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU Antonio Guterres aratanga icizere ko ingorane ziri mu buseruko bw’igihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo (RDC) zigiye gutorerwa umuti hisunzwe amasezerano y’i Luanda na y’i Nairobi, n’aho bisaba igihe kinini kugira bishirwe mu ngiro. Ivyo akaba yabimenyesheje mu nama igira iya cumi na rimwe y’abakuru b’ibihugu, yo gukurikirana amasezerano ngenderwako y’i Addis-Abeba hamwe n’umutekano mu buseruko bwa republika iharanira demokrasi ya Congo yabereye i Bujumbura kw’igenekerezo ya 02 gushika kw’igenekerezo rya 06 Rusama uno mwaka.
III. Ingingo yo kwinjiza ibidandazwa bimwe bimwe biva hanze bitarishe ikori ntaco irahindura ku biciro kw’isoko mu ntara ya Makamba, muri komine ya Nyanza Lac. Mu gihe iyo ngingo imaze ukwezi kurenga ifashwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca leta, abadandaza n’abaguzi bo muriyo ntara bavuga ko atayo bigeze bamenyeshwa ari naco gituma ibiciro bitigeze bigabanuka.
IV. Umwaka w’ishure wa 2022-2023 muri za kaminuza za leta n’izigenga, waruguruwe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 2 Rusama. Zimwe mu ngorane za kaminuza zifise muri kino guhe, n’ubumenyi buke abanyeshure baza bafise usanga budahuye n’inyigisho za kaminuza. Ikiganiro Kw’Isôko kiza guhagarara ku cokorwa kirama kuri ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi