I. Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni araye ijoro ryiwe rya mbere mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Ni inyuma yaho yarengukijwe ubwa mbere imbere y’urwego rw’abacamanza bita chambre de conseil ya sentare ntahinyuzwa, mu gatondo ko kuri uyu wa mbere. Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere, akaba yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha, inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko hamwe no gutyoza umukuru w’igihugu. Amakuru ava mu butungane, yemeza ko iryo rengutswa rya Alain Guillaume Bunyoni ryari rifise intumbero y’ukwiga ko yoburana yidegemvya canke akaburana ari mu munyororo. Amakuru ava muri sentare ntahinyuzwa amenyesha ko ingingo yafashwe izomenyekana inyuma y’amasaha 48h. Alain Guillaume Bunyoni akaba yaramaze iminsi 14 apfungiwe mu biro vy’iperereza, aho ata muntu wo hanze n’umwe yari yemerewe kumubona. Bamwe mu bo basangiye dossier bakaba baza barashikanywe mu mabohero atandukanye. Aho twovuga nka Melchiade Nduwimana, umukuru w’umutumba Mubone bivugwa ko Bunyoni yafatiweko, Colonel Désiré Uwamahoro ari mw’ibohero rikuru rya Gitega, Côme Niyonsaba yari ajejwe inyubako za Bunyoni na Igiraneza Didace yahora ari mu chauffeur ba Bunyoni, na we akaba apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya.
II. Ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu risaba ubushikiranganji bw’ubutungane ko urubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni rworangwamwo umuco, hakubahirizwa uburenganzira bwose ahabwa n’amategeko ajanye n’ingene imanza ziburanishwa. Ako kamo tugasanga mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa mbere. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, urubanza rwiwe rushobora kuba n’akaryo ku bakorewe amabi ko gusaba ubutungane ku mabi yakozwe muri kahise.
III. Ikiziga c’umukenyezi atashoboye kumenyekana, catowe mu gatondo ko kuri uno wa mbere iruhande y’uruzi Cizanye ku mutumba Rwamfu, muri komine Butihinda y’intara ya Muyinga, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro i Rwamfu avyemeza. Abajejwe intwaro ngo bakaba bahavuye bamufuba inyuma y’uko inyamiramabi ibonye ico kiziga, nk’ukwo ayo makuru abandanya abimenyesha.
IV. Abasirikare b’Uburundi barenga gato 700 ni bo bagiye kugabanywa mu nteko za ATMIS kugeza kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka. Ubutumwa busaba ko bagomborwa bwarungitswe n’ibiro bikuru vya gisirikare, buvuga ko hatahukanwa bataillon ya 67 yose hamwe n’ipelotons zibiri zo muri bataillon ya 68.
V. Hari amafranga yongewe abasirikare ariko bataronkejwe nk’ukwo vyari bitegekanijwe mu mushahara bongewe mu kwezi guheze kwa kane. Ibiro vya gisirikare bisaba abasirikare mu butumwa vyatanze kwihangana ko cabaye ikibazo c’ubuhinga, ivyo bita logiciel, giharura imishahara ariko ko bizokosorwa mu gahembo ko muri uku kwezi kwa Rusama. Bamwe mu basirikare bo bakavuga ahubwo ko bwoba ari ubusuma bwari bwakozwe mw’iyongerwa ry’ayo mafranga bagenewe, maze bikaja ahabona ari uko umukuru w’igihugu abajije abasirikare amafranga bahembwe inyuma y’umusi mukuru w’abakozi mu ntara ya Bururi. Ayo makuru nyene akavuga ko yaciye atanga itegeko ko ayo mafranga yohabwa beneyo bidatevye. Abasirikare basaba umukuru w’igihugu kugumiza ijisho ku muhango bahawe, kugira ngo ivyo bagenewe babironswe bitagabanijwe.
VI. Inyuma y’umutekano muke wari umaze iminsi wibonekeza mu ntara ya Bururi, habaye inama y’abarongoye intara bagizwe na Buramatari w’iyo ntara, ari kumwe na komiseri arongoye igipolisi mu ntara hamwe n’abanyagihugu, kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya ndwi Rusama uno mwaka. Hakaba hafunditswe ingingo nkuru nkuru zikurikira: Kirazira gutemberana umupanga canke umuhoro kuva isaha cumi na zibiri z’umugoroba (18h) gushika isaha cumi na zibiri z’agatondo (6h). Buramatari yatanze impanuro y’uko amasaha ariko ariterera, abanyagihugu boza barajana ari babiri canke barenga ku buryo bahuye n’abagizi ba nabi botabarana. Yasavye abakuru b’imitumba n’abarongoye ama quartiers kugira rusansuma y’abantu baba mu burere batwara, kandi umuryango wose ukaba ufise agakaye k’umuryango hatarenze muri ino ndwi itangura. Abanyororo barekuwe bakaba bava mu zindi ntara ariko bakaba bagumye mu ntara ya Bururi, kandi ata co bariko barahakora, abenegihugu barasabwe kubimenyesha abajejwe intwaro kugira babasubize iyo baje bava, kuko biribonekeza ko usanga bari mu bagirizwa gukora ububisha butandukanye.
VII. Hamaze imisi hibonekeza ubukene bw’amazi atangwa n’ishirahamwe REGIDESO ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yawo. Imiryango itari mike ikaba imenyesha ko gutunganya ibikorwa vyo mu rugo bisigaye ari ikibazo gikomeye. Iyo miryango ikaba ifise amakenga ko ishobora no guterwa n’indwara zituruka kw’isuku rike. Mw’ishirahamwe REGIDESO baremeza ko ico kibazo bakizi, ariko ko ari ingorane zituruka kw’ibura ry’umuyagankuba.
VIII. Abantu bane b’impunzi bo mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya baranyurujwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu rishira uwa gatandatu, igenekerezo rya 6 rusama uno mwaka. Inkuru ziva ngaho mw’ikambi ya Nduta zikavuga ko banyurujwe mw’ijoro n’uwurongoye igipolisi muri komine ya Kibondo, aho nyene muri Tanzaniya. Imiryango yabo ikavuga ko barondeye mu busho butandukanye barabura, bagasaba ko ababo batogirirwa nabi, bagirizwa amakosa naho bakarengutswa imbere y’ubutungane.