Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/05/2023

Publié le 9 mai 2023 par Rédaction
I. Umuntu umwe yaraye yitavye Imana, inyuma yaho akubitiwe ubuhiri mu mutwe. Ivyo vyabereye ku murwa mukuru w’intara ya Cankuzo, mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere. Manisha Henri yaraye agandaguwe, yari umukukuruke wo mu gipolisi c’Uburundi, akaba yamaze imyaka myinshi akorera mu Cankuzo nk’umupolisi w’intwazangabo ajejwe kugira amatohoza, abo bita aba OPJ. Uwikekwa kuba yaramugandaguye ni umuhungu wiwe yoba yavyaye hanze, ariko ntiyigera amwemera mu bana biwe. Akaba yahavuye ahagarikwa ku mvo z’amatohoza. Abajejwe intwaro muri komine ya Cankuzo baremeza ko uyo mukukuruke yishwe, mu gipolisi naho bakavuga ko batanguye amatohoza.
II. Abantu barenga mirongo itanu (50) barapfuye, cumi n’indwi (17) muri bo bishwe n’umwuzurira w’amazi. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo ca Ligue iteka co mu kwezi kwa kane c’uno mwaka. Nk’ukwo bimenyeshwa na Célestin Ruribikiye ajejwe kumenyesha amakuru muri Ligue iteka, abantu cumi n’indwi (17) barakorewe amabi ashimikiye ku gitsina, 4 na bo bakaba barabuzwe irengero, abandi mirongo indwi n’indwi (77) bahagaritswe hatisunzwe amategeko. Umuhari Iteka usaba Leta kugwanya ukudahana kwimonogoje mu gihugu, igahana abagirizwa amabi.
III. Ipfungwa ry’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ryakirwa neza na bamwe mu mpunzi zahunze ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Basaba ko n’amabi yakoze yo kwica no gutoteza abanyagihugu, yoyabazwa imbere y’ubutungane. Bamwe muri izo mpunzi baganiriye na Radiyo Inzamba Agateka Kawe.

Ibindi bisa n'ibi