I. Umugabo umwe ahumuye yitavye Imana, abandi bakenyezi babiri barakomereka, baguweko n’umusozi. Hakaba hari mw’isanganya ryabaye kuri uwu wa kabiri inyuma ya sasita, mu gihe hariko harangurwa ibikorwa vy’ugutunganya umusozi wama usenyurwa n’amazi y’imvura ava mu gisagara ca Ngozi. Hariko kandi hakorwa ibikorwa vy’ukwubakira umugende w’ayo mazi, bongera bashigikiza amabuye uwo musozi. Abo bakenyezi bakaba baciye bashikanwa vyihuta kwa muganga, kuko bari bababaye cane. Ayo mazi y’imvura akaba ari ayaja kwisuka mu mwonga wa Camugani, uri hepfo y’igisagara ca Ngozi.
II. Abakenyezi batandatu n’abana 2 barishwe, abigeme batanu barafashwe ku nguvu, abigeme babiri barahohoterwa mu ngo babamwo, umukenyezi umwe na we arapfungwa hadakurikijwe amategeko. Ivyo biri mu cegeranyo c’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, co mu kwezi kwa kane guheze. Muri ayo mabi, benshi abakekwa akaba ari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi kandi bakaba bidegemvya.
III. Alain Guillaume Bunyoni aragirizwa ivyaha bifatiye ku guhonyanga bikabije agateka ka zina muntu mu Burundi. Umugambwe UPD Zigamibanga usaba ko intahe yomukubita mu gahanga, abarundi bahaburiye ababo n’abandi bakorewe ivyaha bakaronka ubutungane. Bisigurwa na Chauvineau Mugwengezo arongoye uyo mugambwe, inyuma yaho uyo yahoze arongoye leta y’Uburundi atawe muri yompi.
IV. Uyo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga avuga kandi ko ipfungwa rya Bunyoni atari wo muti w’ibibazo bihanze igihugu. Igihambaye ngo n’ukwo umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi wohindura inyifato, ukemera gusubiza itoto amasezerano y’amahoro ya Arusha.
V. Uyo yahoze arongoye igipolisi akaba n’umushikiranganji wa mbere yategerezwa gukurikiranwa no ku mabi yakozwe n’igipolisi yari arongoye mu mwaka wa 2015 gushika muri 2020. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT yo mu gihugu c’Ubufaransa. Ariko rigasaba ko urubanza rwiwe rwose rwoburanishwa hakurikijwe amategeko. Clément Boursin, arongoye ishirahamwe ACAT yo mu gihugu c’Ubufaransa.
VI. Imyidogo ni myinshi ku baremeshakiyago bo muri komine n’intara ya Ngozi, aho badomako urutoke abarongoye amadini bamwe bamwe mu kubuza abanyagihugu kwitabira umugambi ujanye n’irondoka rishimikiye ku magara meza. Ni mu gihe bababuza gukoresha uburyo bahabwa kwa muganga, kugira bagabanye imvyaro. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko bamwe mu baremeshakiyago basigaye batanga inyigisho binyegeje, ku gutinya ko bohava birukanwa muri ayo mashengero basanzwe basengeramwo. Abo baremeshakiyago bemeza ko ukwo kutumvikana kuri uyo mugambi hagati yabo n’amwe mu madini, bitera amatati atari make mu miryango, harimwo no kurenga ibigo haba ku bagabo canke abagore.
VII. Abantu babiri bo mu ntara ya Rumonge bahanywe na sentare nkuru y’igihugu y’iyo ntara kuri uyu wa gatatu. Bagirizwa gukwiragiza ubutumwa burimwo amashusho y’ibiterasoni ku rubuga rwa WhatsApp. Bakaba baciriwe ihadabu riri hagati y’ibihumbi amajana atanu n’imiriyoni zibiri.
VIII. Abasirikare b’Uburundi barashobora kurungikwa mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Soudani, kimaze imisi kirangwamwo umudugararo. Ibiganiro mu gisata c’amahoro n’umutekano ku cicaro c’ubumwe bwa Afrika vyaratanguye. Ivyo biganiro bikaba vyiga ingene ibikorwa vyo gutabara aba civil batari muri iyo ngwano vyogenda, hamwe n’ingene ibindi bikorwa vy’ubutabazi vyihuta vyoshikira abanyagihugu. Ihangiro nyamukuru ni ingene ikibuga c’indege ca Karthoum cocungerwa kugira ngo ibikorwa vy’ubutabazi bikunde. Ibihugu vy’Uburundi na Ethiopiya ni vyo vyonyene bimaze kwemera kurungika inteko muri ico gikorwa. Abasirikare bakenewe ni abangana hafi 2000.