I. Abantu indwi barabuzwe irengero mw’isanganya ry’ubwato mu kiyaga Tanganyika, ubwato bwari buvuye mu Rumonge. Ubwo bwato bukaba bwari bwunguruje abantu bwerekeza muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Vyabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu rishira uwa gatandatu. Amakuru ava mu barokotse akaba avuga ko ubwo bwato bwibiye bivuye ku buremere bw’ivyo bwari butwaye.
II. Umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, kuriha indishi y’akababaro y’amafranga imiriyoni mirongo ibiri, atayarishe azoce yongera gucirwa umunyororo w’agatsindikiro w’imyaka ijana, ukwakwa ubwenegihugu, ni vyo bihano sentare nkuru ya Kayanza yahanishije Fidèle Bucumi w’imyaka 48 wo ku musozi Gihororo, komine Gatara, mu ntara ya Kayanza, ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu. Ni inyuma y’aho yagiriwe n’icaha c’ukwikora mu nda mu kwica abana biwe babiri, umwe w’imyaka itandatu n’uwundi w’imyaka ine, abacumise imbugita. Iryo bara akaba yarikoze mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu ino ndwi. Mukamenya ko Fidèle Bucumi yari yaciye ahunga, mu nyuma akaza kwishikana ku gipolisi haheze imisi ibiri kuri uwu wa gatanu.
III. Mu gihe ubwicanyi nk’ubwo bubandanya bwibonekeza hirya no hino mu gihugu, leta ikwiye kugwiza abanonosoye ivy’imibano mu mavuriro yose agize igihugu, kugira babe hafi y’abantu bafise ingorane zo mu mutwe. Ivyo bishikirizwa n’umwigisha muri kaminuza yanonosoye ivy’imibano Paul Nkunzimana. Arongera agasaba leta kurwanya ubukene bwuzuye mu banyagihugu igashinga ama koperative.
IV. Igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, ukuriha indishi y’akababaro y’amafranga imiriyoni zitanu n’ukwakwa uburenganzira bw’ukuja ahakoraniye abantu benshi, ni co kuri uwu wa gatanu sentare y’igihugu ya Kayanza yaraye iciriye abagabo babiri bavukana ari bo Ntakimazi Siméon na Mugisha Claude. Bakaba ari abo ku musozi na komine Rango. Ni inyuma y’aho bagiriwe n’icaha c’ukuba kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kwa Ndamukiza barishe uwitwa Florence Nizigiyimana, uwo na we akaba yari umugore w’umwe muri abo bavukanyi.
V. Kuri uno wa 13 rusama umwaka wa 2023, imyaka umunani irarumanye neza na neza umugwi w’abantu uhatswe gutembagaza ubutegetsi mu Burundi. Ivyo vyabaye mu gihe hari haheze imisi itari mike hari imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, benshi bavuga ko kitubahirije amategeko. Kuri iyo tariki ya 13 rusama umwaka wa 2015, niho ubutegetsi bwatanguye no guturubika uwo wese agwanya ico kiringo, benshi baricwa, abandi barafungwa, baranyuruzwa, abandi barangazwa. Mu misi yakurikiye hari amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yo mu karere yituye sentare yo mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu buseruko EAC, kugira bamenye ko itegeko ryemeza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ryubahirije amategeko, basanga nta na gato. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yari mu baserukiye ayo mashirahamwe.
VI. Kubera iyo ngingo yafashwe na sentare y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu buseruko, leta y’Uburundi yari kuba yaratanguye gusubiza mu ngiro ivyononywe n’ico kiringo ca Petero Nkurunziza, ikanashumbusha abo bose bakorewe amabi kubera co. Me Dieudonné Bashirahishize.
VII. Abakozi b’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Dukuze Micro finance barasaba ubuyobozi kubasubiza ku mishahara yabo bakuweko kuva 2017 ku mvo z’ubutunzi bwari buhagaze nabi. Muri iki gihe, abo bakozi babona ko ata mpamvu ko baguma ku mishahara bashizweko ico gihe, kubera ubu ibigega vyasubiye kubomboka. Amakuru twahawe na bamwe mu bafise imitahe muri iryo shirahamwe bari mu bafata ingingo, bemeza ko ico kibazo bakizi kandi bariko barakora uko bashoboye kugira bagikure mu nzira, bakaba bagiye kubongera ibice 15% mu mpera z’uku kwezi kwa gatanu.
VIII. Itariki 11 Rusama, isi yose yibuka imyaka 42 umuririmvyi Bob Marley yitavye Imana. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi, dushimikira ku butumwa buri mu ndirimbo z’ico gihangange c’umiziki wa reggae.