I. Umunyororo umwe yarishwe akubiswe na bagenzi biwe, mw’ijoro ryakeye mw’ibohero rikuru rya Gitega. Uwo munyororo yapfuye azwi kw’izina rya Leonidas Ngendanzi, akaba yavuka mu ntara ya Karusi. Amakuru ava ngaho mw’ibohero avuga ko yakubiswe na bamwe muri bagenzi biwe bari muri komite y’umutekano muri iryo bohero, bakaba bamuziza ko atubahirije amategeko y’isuku. Yarakubiswe arashaya gushika naho yitaba Imana. Uwo munyororo yishwe yari amaze imyaka itanu afungiwe muri iryo bohero rya Gitega, akaba yari yakatiwe gufungwa imyaka 20. Amakuru dukura muri iryo bohero atumenyesha ko atari umunyororo wa mbere apfuye muri ubwo buryo, kuko mu mwaka wa 2021 hari uwundi yapfiriye mu bitaro bikuru vy’i Gitega, inyuma y’ugukubitirwa mw’ibohero nabo bitwa ngo bari muri komité y’umutekano mw’ibohero.
II. Ishirahamwe ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ririyamiriza iyo ngendo y’ukwo abanyororo bashobora guhana bagenzi babo gushika naho babica, rigasaba abakoze iryo bara ko bohanwa vy’akarorero hakurikijwe amategeko. Jean-Claude Ntiburumunsi arongoye igisata kijejwe amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi.
III. Hari umugabo wo ku mutumba Kibakwe na komine Muruta mu ntara ya Kayanza, yari azwi kw’izina rya Rémy Ndayishimiye w’imyaka 32, yaraye apfuye kuri uwu w’Imana. Abamubonye basanze yenena ku giti. Ivyo bikaba vyabaye ku murango nk’igihe c’isaha indwi, icateye urwo rupfu kikaba kitaramenyekana, nk’uko abajejwe intwaro muri iyo komine babimenyesha. Bamenyesha ko hariko harakorwa amatohoza kugira intandaro z’urwo rupfu zimenyekane. Tubamenyeshe ko mu kiringo c’indwi zitatu abaye umuntu agira gatanu apfuye muri ubwo buryo mu ma komine ya Rango, Gatara na Muruta.
IV. Abanywanyi 2 b’umugambwe CNL barapfunzwe. Ni ku mutumba Kinyovu, komine Ntega, mu ntara ya Kirundo. Bagirizwa kuba bashatse kwambura umupira wa CNDD-FDD umuntu yari awambaye. Ivyo bamwe mu banywanyi ba CNL bafata nko gukorera inkono ishushe abantu babo. Bagasaba ubutungane ko bobarenganura.
V. Gutegeka amashirahamwe yikorera utwayo guhagarika amasezerano y’abakozi birukwanywe muri leta, bihonyanga amategeko. Iyo n’insiguro itangwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhinga mu mategeko y’akazi. Iyo ngingo yemejwe mu nama nshikiranganji yo ku musi wa gatatu mu ndwi iheze. Ku bwa Janvier Bigirimana, ngo gukurwa mu kazi vyonyene n’igihano, na cane cane ko ukwo gukurwa gushobora kuba ari akabonero canke gafatiye ku mvo za politike. Avuga kandi ko ata n’itegeko ritanga uburenganzira bwo gukurikirana umuntu biciye muri iyo nzira.
VI. Igice c’umwaka kirarangiye ata sabuni zitanzwe mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi. Izo mpunzi zivuga ko zishobora kubangamirwa n’indwara ziturutse kw’isuku rike. Ababangamiwe gusumba bakaba ari abakenyezi n’abigeme batakironswa vya ngombwa vy’isuku vyagenewe umubiri wabo. Basaba ababijejwe kwikubita agashi bakabibuka.
VII. Ntawukwiye kwihebura iyo ari mu ngorane na cane cane ko Imana yabitweretse aho umwana wayo yahuye n’ingorane kw’isi, agapfa akongera akazuka. Ivyo bishikirizwa n’umwepiskopi mukuru wa diyoseze ya Gitega, akongera akaba n’umukuru w’inama y’abepiskopi b’i Burundi, Musenyeri Bonaventure Nahimana. Ivyo akaba yabishikirije mu nkuka y’imisa yo ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 14 Rusama uno mwaka yabereye mw’ikambi y’impunzi iri i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, aho yariko arabatiza abana b’abarundi bari muri iyo kambi. Arongera agasabira abahunze gutahuka bakubaka igihugu.
VIII. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu asaba abategetsi mu ntwaro no mu gipolisi gutuza ingendo y’abiyita aba commissionnaires mu ma komine yose. Akamo katewe mu mubonano n’abajejwe intwaro n’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura. Martin Ninteretse amenyesha ko uwo mugambi uzobandanya kugira abo yita abasuma batuzwe, haba mu masoko canke ahandi hose bakorera ivyo bikorwa binyuranye n’amategeko.
IX. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaguru imigwi 4 izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu yaraye imenyekanye. Muri basketball, umugwi w’Urunani nta nkeka uratahana igikombe c’uyu mwaka. Muri volleyball, umugwi wa Rukinzo ntiworohewe iyo uri mu gihugu ca Tuniziya kuko umaze gutsindwa inkino 2 zose umaze gukina. Rukinzo ikaba yaserukiye Uburundi mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku rwego rwa Afrika.