I. Floriane Irangabiye ahejeje gusubira gukubagurwa. Abandi banyororo bo mw’ibohero rya Muyinga bavyiboneye bavuga ko vyakozwe na Serges Nsabuwandemye, umuyobozi w’iryo bohero. Ayo makuru avuga ko uwo muyobozi w’ibohero yaje azananye n’abantu babiri bambaye umwambaro usanzwe be n’abapolisi babiri, bakaba baje bagana aho uwo mumenyeshamakuru arara kugira bamusake. Abari aho bavuga ko Floriane Irangabiye wenyene ari we yasatswe, ahubwo ngo bakaba bari bitwaje n’ivyuma vyo gufotora no gufata amareresi. Ico gihe cose uwurongoye ibohero akaba yaguma amutuka ibitutsi vyinshi. Abo nyene bari aho bavuga ko Floriane yari atekanye, ariko hageze ko batwara iradiyo yiwe ari ho yaciye yanka ko bayitwara, Serges Nsabuwandemye akaba yaciye amusunura. Abandi banyororo bari aho bakoma induru kuko bibaza ko bashobora kumukura mw’ibohero. Serges Nsabuwandemye n’abo yazanye baca baragenda.
II. Abanywani batatu b’umugambwe CNL harimwo uwurongoye uyo mugambwe muri zone Butarugera muri komine Butihinda mu ntara ya Muyinga, kuva kuri uno w’Imana bapfungiwe mu gasho ka zone Butarugera. Abanywanyi b’uwo mugambwe bakavuga ko ari itotezwa bariko bagirirwa bagasaba ko ryohagarara.
III. Ingoro y’umugambwe CNL muri komine Kibago mu ntara ya Makamba, yarasambuwe yose n’abantu bataramenyekana. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo ku musi wa kane buca ari ku wa gatanu w’indwi iheze. Abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, na cane cane urwaruka rw’imbonerakure, akaba ari rwo rudomwa ko urutoke kuba ruri inyuma y’iryo samburwa ry’iyo ngoro.
IV. Abanyororo bo mw’ibohero rya rikuru rya Gitega barasaba bashimitse ko uwitwa Japhet arongoye komite y’umutekano muri iryo bohero n’abandi babiri, bahanwa hakurikijwe amategeko. N’inyuma yaho bigaragaye ko ari bo bagandaguye umunyororo mugenzi wabo, bamukubise inkoni ku w’Imana uheze. Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Gitega yari yagiye guhumuriza muri iryo bohero, akura uwo Japhet aho yajanywe gufungirwa nk’igihano kugira amusubize mu bandi, na bo baravyanka mu gihe atarahanirwa ivyo yagirizwa.
V. Ubutare butegerezwa guca mu nzira imwe gusa, nayo ikaba igana ibanki nkuru y’igihugu. Ivyo bishikirizwa n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca mu nama yagirishije abacukura ubutare bo mu mihingo itandukanye y’igihugu, ari kumwe na ba buramatari bo mu ntara zitandukanye, n’inzego z’igipolisi. Iyo nama ikaba yabaye kuri uno munsi wa kabiri, igenekerezo rya 16 Rusama ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Umushikiranganji wa mbere ahamagarira umwe umwe wese gushira imbere inyungu z’igihugu.