Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/05/2023

Publié le 17 mai 2023 par Rédaction
I. Amakenga ni menshi mu basirikare inyuma yaho uwurongoye koperative ya gisirikare asohoreye urwandiko rusigura ko amafranga abasirikare baherutse kubona bongewe, abaye agumijwe ku ma konti ivyo bita bloqué. Muri urwo rwandiko, uwo mutegetsi avuga ko ari ibijanye n’ubuhinga bushasha bwo guhemba, mu gihe umukuru w’ibiro vya gisirikare we yaraherutse gusohora urwandiko, ruvuga ko utunenge twibonekeje mu guhemba canke kwongera imishahara abasirikare tuzokosorwa mu mpera z’uku kwezi kwa gatanu.
II. Amabi ariko arakorerwa umumenyeshamakuru Froriane Irangabiye arateye umubabaro n’agahinda. Uretse ko apfunzwe ku karenganyo, nta n’umwe arekuriwe kumugirira nabi haba ku mubiri canke mu majambo. Bishikirizwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, Abishikirije mu gihe uwo mumenyeshamakuru yakubaguwe ku mugoroba w’ejo, ku munsi wa kabiri n’uwurongoye ibohero rya Muyinga uwo mumenyeshamakuru asanzwe afungiwemwo.
III. Sentare y’intango ya Musaga mu gisagara ca Bujumbura iragirizwa kwivanga mu matati y’umuryango w’umuhisi Bukweberi Sylvestre, aho impande zibiri zari zishamiranye zumvikanye. N’amatati ari hagati y’abana bo ku mugore wa mbere batumvikana n’abo ku mugore wa kabiri. Umuryango ukaba ubabazwa n’ukungene uwurongoye sentare y’intango ya Musaga yatanze itegeko ryo kugara amazu y’abapangayi batigeze babagabisha, kugira bakuremwo utuntu twabo. Muri iki gihe bakaba babayeho mu buzima bugoye kandi ayo matati atabega.
IV. Umushikirizamanza mukuru wa Makamba aritiranya ivyo ajejwe n’ukuba umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi. Uko niko umushingwamanza Félix Niyonkuru abona inyifato ya Claver Sabushimike, inyuma y’aho atangiye itegeko ryo kurekuza Imbonerakure zibiri zo muri komine Kibago zafatanywe amadirisha y’ingoro y’umugambwe CNL yo muri iyo komine. Ku bwa Félix Niyonkuru, iyo ngendo iri mu nzitizi zikomeye zo kunywanisha abarundi.
V. Bamwe mu barongoye imitumba muri komine Nyanza-lac intara ya Makamba baragirizwa kunyuruza amafranga atozwa nk’ihadabu, mu kwandika ibitigiri bidahuye mu biharuro no mu majambo ku bitasi batanga ku barenza ibiciro ku binyobwa vya Brarudi. Hejuru y’ivyo ngo banaca ihadabu mu manyanga kuko ikosa ridahanwa kubaba barengeje ibiciro.
VI. Abarimyi b’icayi bo mu ntara ya Kayanza basaba Leta ko yoduza igiciro ku kiro c’amababi mabisi y’icayi, kuko ngo amafranga 280 ku kiro baronka ari intica ntikize uravye ingene ubuzima busigaye buzimvye cane. Bavuga kandi ko ico giterwa gisaba n’uburyo bwinshi.
VII. Ubuyobozi bw’ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge BBN bumenyesha ko bugifise agahaze mu kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa bimwe bimwe. Mu nama yahuje abaserukira isoko rusangi ku mugabane wa Afrika yabereye mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatatu, Séverin Sindayikengera arongoye BBN yavuze ko ivyo biheza bigatuma hari ibidandazwa vyo mu Burundi bidaheza ngo bije kw’isoko mpuzamakungu. Ariko amenyesha ko babandanya babisaba kugira ico kibazo gitorerwe umuti.
VIII. Bamwe mu mpunzi z’abarundi ziba mu gisagara ca Lilongwe mu gihugu ca Malawi bazindutse bahagarikwa n’igipolisi c’ico gihugu mu gitondo c’uno wa gatatu, kibasaba ivya ngombwa. Abatari bake baciye bajanwa mw’ibohero rikuru, abandi barahunga mu gihe hari abacinyegeje. Leta ya Malawi ngo ifise umugambi w’uko impunzi zose ziba mu bisagara zifatwa zikajanwa mw’ikambi y’impunzi ya Dzaleka muri ico gihugu.
IX. Abantu batatu baramaze gukomeretswa kuva mu ntango z’ino ndwi mw’ikambi y’impunzi z’abarundi I Lusenda mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira Demokrasi. Amakuru ava muri iyo kambi yemeza ko uwuri inyuma y’ubwo bubisha ari umugwanyi wo mu mugwi w’aba Maï Maï ku mvo zitaramenyekana. Kubera amahiri bakubiswe, bamwe ntibacicara, uwundi ntakiriza ukuboko. Ayo makuru akaba yemezwa n’umuvugizi w’uwuserukira impunzi muri iyo kambi.

Ibindi bisa n'ibi