I. Niyokindi David w’imyaka 41, impunzi y’umurundi yaba muri Kampala mu gihugu ca Ouganda, yishwe mw’ijoro ryakeye n’abantu batamenyekanye, mu gihe yariko arataha ku muhana iwe. Ikiziga ciwe kikaba catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, hafi y’urugo iwe. Nk’uko abamubonye ubwa mbere bavyemeza, ngo yarafise igikomere ku mutwe, bishoboka ko hoba hari ikintu yakubiswe ari na yo yoba yabaye intandaro y’urupfu rwiwe. Mu gipolisi muri Ouganda, baremeza ivyabaye, bakamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abamwishe bamenyekane.
II. Umwe mu rwaruka rw’imbonerakure ku mutumba Kinazi, zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga yarapfuye mw’ijoro ryo ku wa kane, inyuma yo gushikanwa mu bitaro bikuru vy’i Muyinga. Amakuru ava aho i Muyinga, yemezako yari yakubiswe n’abanyagihugu inyuma yo kubasotora abasanze aho bariko bizimya akanyota. Abantu batanu bakaba bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.
III. Abantu 2 baraye bakomeretse batemwe imipanga muri komine n’intara ya Bururi. Ibitigiri vy’abicwa n’abakomereka batemaguwe imipanga muri iyo komine bikaba biguma vyiyongera kuva mu kwezi kwa Ndamukiza uwu mwaka, aho abagera kuri 3 bamaze kwicwa, abandi benshi barakomereka.
IV. Abanyagihugu bo muri komine ya Giharo intara ya Rutana baridogera bidasanzwe buramatari w’iyo ntara Olivier Nibitanga, ko ariko arabakoresha akabaha agahembo k’intica ntikize, mu kwubaka ishure ryisumbuye ry’imyuga muri iyo komine. Iyo nyubakwa y’ishure ni yo buramatari agomba kurata mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye buca agendera iyo komine Giharo, kuri uyu wa gatandatu.
V. Ihohoterwa ryo ku mubiri canke rifatiye ku majambo rikorerwa umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, ryerekana neza ko ubucamanza bw’Uburundi ataco bumariye abarundi n’Uburundi. Bishikirizwa na Poloniya Simbizi, umuvugizi w’ishirahamwe ry’abarundi baba muri Canada, ABC Canada. Abivuze inyuma y’aho ku mugoroba wo ku wa kabiri w’ino ndwi, uwurongoye ibohero rya Muyinga uwo mumenyeshamakuru apfungiwemwo, yaja kumukubagurira mu gitanda aryamyemwo yongera amubwira amajambo yo kumurtyoza. Kubwa Poloniya Simbizi, ikubagurwa rya Floriane riraba uwo ari we wese harimwo n’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
VI. Ishirahamwe ESDDH ryishinze guharanira agateka k’abari mu bibazo rirababajwe cane n’umupfungwa azwi kw’izina rya Ngendakumana Léonidas yakubiswe n’abagenzi we mw’ibohero rikuru rya Gitega, gushika aho yitaba Imana. Hari mw’ijoro ryo ku wa cumi na kane rishira uwa cumi na gatanu, Rusama uno mwaka. Germain Rukuki arongoye iryo shirahamwe, asaba ko abakoze ako kabi kabishe bohanwa hakurikijwe amategeko, ntibakingirwe ikibaba na rirya bazwi.
VII. Ibanki nkuru y’igihugu iragabisha amazu adandaza amafranga adakurikije amategeko ko ibihano bigiye kurwizwa incuro cumi. Dieudonné Murengerantwari arongoye ibanki nkuru y’igihugu akaba yabivuze kuri uno wa kabiri mu nama yagirishije abasanzwe bakora ako kazi ko kudandaza amafranga. Yamenyesheje ko inzu itazoshobora kuba yadandaje amadorari angana n’ibihumbi mirongo umunani ku kwezi, izoca yugarwa.
VIII. Ibanki nkuru y’igihugu si yo yonyene ikwiye gutorera umuti w’ikibazo c’ikena ry’amahera y’agaciro mu gihugu. Ivyo bishikirizwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi, Faustin Ndikumana, akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM, rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe, kubona umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu amenyesha ko amazu avunjisha amafranga y’agaciro ategerezwa gukoresha amafranga angana n’ibihumbi mirongo umunani vy’amafranga y’abanyamerika, n’imiburiburi ku kwezi ngo ni vyiza, kuko ibanki itegerezwa gukurikirana amafranga iba yabahaye kugira bakore bunguka. Arongera agahamagarira Leta gushiramwo umwete mu kurondera amafranga y’agaciro, ubushikiranganji bwose bugakora bwitwararika kwinjiza amafranga y’agaciro mu gihugu.
IX. Umutekano w’impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda muri Congo iharanira demokrasi uguma uhungabana. Kuva ino ndwi itangura nta musi canke ijoro bicijana bamwe mu Burundi batagiriwe nabi n’abo bavuga ko ari aba Maï Maï. Ngo bakubitwa inkoni ziri hagati ya 50 na 100. Gushika ubu ico bahorwa ntikiramenyekana. Ku mugoroba w’ejo ku wa gatatu, abo ba Maï Maï ngo baraboshe abantu, ivyo bigatuma haba ukwinubana, impunzi z’abarundi zikavuga ko zitabona ibigiye kubashikira mu misi iza.
X. Ihohoterwa rikorerwa impunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi ririyamirizwa n’abaharanira agateka k’impunzi. Ku bwa Léopold Sharangabo icegera c’uwurongoye urunani CBDH-VICAR, riharanira agateka ka muntu n’ak’impunzi ziba mu makambi, ngo ikibabaje n’uko ayo mabi yose akorwa n’aba Maï Maï, bayakora bari kumwe n’abajejwe umutekano.