Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/05/2023

Publié le 20 mai 2023 par Rédaction
I. Abantu bashika 40 baramaze kwicwa mu ntara ya Bururi mu kiringo kidashika amezi atatu. Amakuru ava aho i Bururi avuga ko abo bantu batemagurwa imipanga. Abashika bane bakaba bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza. Mu rugendo rwiwe icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yagize mu ntara ya Rumonge kuri uno wa gatandatu, yasavye abajejwe intwaro muri iyo ntara gufata ingingo zose zishoboka, mu ntumbero yo kuzitira kugira ubwo bubisha ntibuzotandukire iyo ntara.
II. Impunzi z’abarundi zahungiye mu gihugu ca Ouganda zihamagarirwa kwicungera. Ako kamo bagaterwa n’uwubaserurika muri ico gihugu. Damien Nyabenda abivuga afatiye ku gitigiri c’impunzi zicwa bunyamaswa kiguma ciyongera. Mw’ijoro ryo ku musi wa kane ushira uwa gatanu, hakaba harishwe umugabo i Kampala, akaba yagize uwa gatandatu yamenyekanye yatswe ubuzima muri ubwo buryo.
III. Ngo n’ibintu bitangaje, bimaramaje kubona umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ariko aratotezwa n’umuyobozi w’ibohero rikuru ry’i Muyinga, yategerezwa gukingira umufungwa uwari we wese ari mw’ibohero atwara. Bishikirizwa na Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Arakebura umuyobozi w’ibohero rikuru ry’i Muyinga kwisubirako akubaha amategeko agenga amabohero.
IV. Ibikoresho bitandukanye harimwo n’imashini nyabwonko vyari vyaribwe n’umuyobozi w’ishure rya lycée communal Murima iri mu buyobozi bw’indero bwa komine Kayanza, kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya cumi n’icenda Rusama, ni ho vyasubizwa kuri iryo shure n’uwurongoye indero muri iyo ntara. Désiré Hatungimana arongoye iyo ntara y’indero, agasaba abayobozi b’amashure kubungabunga ibikoresho biba vyahawe amashure n’ukwirinda gusaba abavyeyi amafranga adasiguritse.
V. Ikiganiro Kw’isoko c’uno munsi kiza guhagarara ku mugambi w’ishirwa mu ngiro ry’itegeko riha uburenganzira bwo kuronka amakuru canke inyandiko ku bavyipfuza bose, umugambi watangujwe kuva mu mwaka wa 2011.

Ibindi bisa n'ibi