Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/05/2023

Publié le 22 mai 2023 par Rédaction
I. Leta yategerezwa kwihutira gutora inyishu y’ikibazo c’umutekano uguma uhungabana muri iyi misi mu ntara ya Bururi. Ivyo bisabwa n’umugambwe RDB, Rassemblement des Démocrates Burundais mu rurimi rw’igifaransa. Uwo mugambwe ukiyumvira mbere ko ayo mabi agize imisi akorwa, akorwa   mw’ijoro mu gihe co gukizura, agashobora kuba akorwa na bamwe mu mbonerakure bakorana n’abajejwe umutekano muri ico gikorwa co gukizura. Abaronderwa kwicwa na bo ngo n’abo bose bitwa ko batavuga rumwe na leta. Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB.
II. Kugendera mu miduga ifise ibiyo bitabonerana birabujijwe mu Burundi ata ruhusha umuntu abifitiye. Bene imodoka zifise ibiyo bitabonerana bakaba bahawe gushika kw’igenekerezo rya 28 Rusama kugira babe babikuyeko. Vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere. Martin Niteretse asigura ko iyo ngingo yafashwe kubera ubugizi bwa nabi bwimonogoje bukorwa n’abantu bagendera muri izo modoka zifise ibiyo bitabonerana.
III. Ibinyoma bimaze igihe bishikirizwa na bamwe mu bagize umugwi CVR ujejwe kunywanisha abarundi ku mabi yo 1972 vyerekana ko ata kintu na gitoya c’ukuri abarundi bawitezeko. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe kuri uyu wa mbere n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro ca politike mu Burundi FORSC. Vital Nshimirimana arongoye urwo runani asaba ko ivyo binyoma bashikiriza vyoja ku gatwe kabo, batovyitirira na gato igikorwa co kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi.
IV. Impunzi z’abarundi ziba mu gisagara ca Kampala ziratewe amakenga n’ubwicanyi budasiba guhitana bamwe muri bo. Bagasaba leta ya Ouganda kubakingikira no gukora amatohoza yigenga ku bamaze kugandagurwa, bahereye kw’igandagurwa rya David Niyokindi ryabaye ku wa gatanu uheze. Abaserukira izo mpunzi bakabatera akamo ko kwicungera muri iki gihe biboneka ko umutekano utera utituka.
V. Itotezwa ry’impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi rirabandanya. Abakomerekejwe na bamwe mu mugwi w’aba Maï Maï mu ndwi iheze, baguma bahigwa n’uwo mugwi ubasanga mw’ikambi basanzwe babamwo. Ikivyunyura ngo n’uko gushika ubu batararonka ingene bivuza ibikomere bakomerekejwe n’abo ba Maï Maï.
VI. Mu makuru y’inkino, umurwi Bumamuru wo mu ntara ya Cibitoke ni wo watahukanye igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Hari ku munsi wa gatandatu inyuma yo gutsinda Olympic star y’i Muyinga ibitsindo 5 ku busa. Na yo muri basketball, inkino zo gusubiza (phase retour) ku munsi wa gatandatu niho zatangura. Urukino rwatangaje abantu n’intsinzi ya Dynamo ku mugwi w’Urunani, irushije Urunani amanota 22.

Ibindi bisa n'ibi