I. Ikiziga c’umugabo w’imyaka yababa 40, azwi kw’izina rya Bigirimana, yahora aba ku mutumba Murama, zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga, caratowe mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri mu ruzi Ruvubu, nk’uko amakuru ava ku mutumba Murama avyemeza. Amakuru ava mu ntwaro avuga ko batazi imvo n’imvano y’urupfu rwa Bigirimana. Ayandi masoko yo ku mutumba wa Murama, amenyesha ko uwo mugabo yoba yaguye mu ruzi Ruvubu ashoye ibiyeri mu gihugu ca Tanzaniya. Ikiziga ca Bigirimana kikaba cakuwe mu mazi n’abajejwe intwaro, bafadikanije n’abakozi b’ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge. Ayo makuru avuga kandi ko ikiziga ca nyakwigendera Bigirimana caciye gishikirizwa umuryango kugira ahambanwe iteka.
II. Abanyororo 36 ni bo bamaze kwimurwa mw’ibohero rikuru rya Gitega batwarwa mu yandi mabohero yo mu gihugu kuva aho hagandaguriwe umunyororo azwi kw’izina rya Leonidas Ngendakumana, yishwe akubiswe na bagenzi we. Amakuru ava muri iryo bohero avuga ko abo bimuriwe mu yandi mabohero ari abitwa ko boba ari incabwenge, batemera ivyakorewe uyo munyororo yishwe ivy’agashinyaguro.
III. Abanyororo bimuwe mw’ibohero rikuru rya Gitega bajanwa mu yandi mabohero nta kindi bazize, atari uko basavye yukwo abagandaguye mugenzi wabo bohanwa n’ubutungane. Ivyo bivugwa na Jean-Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’amategeko muri ACAT Burundi. Asaba umushikiranganji ajejwe ubutungane n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika, gufata ico kibazo mu minwe, kuko umushikirizamanza mukuru wa sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Gitega ahengamiye ku wakoze ico caha c’ubwicanyi, kubera ubucuti bafitaniye.
IV. Abarundi bahamagarirwa kurengera ibibatandukanya vyose, bagasubira ku masezerano y’amahoro y’i Arusha. Akamo gaterwa n’intumwa idasanzwe iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa gatatu. Fortuné Gaétan Zongo asaba leta y’Uburundi kutiyugarirako igatanguza ibiganiro vyubaka kandi bihurikiyemwo bose, kugira habe ukunywana hagati y’abarundi.
V. Mu ntara ya Ngozi, indwi zibiri zirarumanye ata gitoro caba ico mu bwoko bwa essence canke mazutu kibonetse. Iyo kibonetse haza intica ntikize kigaca gihera. Inkurikizi, ibiciro vyo kwiyunguruza uva mu ntara uja mu yindi vyaraduze. Abanyagihugu bagasaba leta gutorera umuti ikibazo c’ibitoro kidasiba kubateza ingorane y’ibiciro kw’isoko.
VI. Itunga rya leta n’ikintu co gusonera, umunyagihugu nawe agahamagarirwa kurikingira agendera amategeko y’igihugu. Vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Asaba ashimitse abarongoye igihugu gukorera abanyagihugu bisunze amategeko, kuko ari na bo babahemba ukwezi guheze.