I. Ikiziga c’umwana w’umuhungu afise imyaka 6 catowe mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu. Amakuru dukura ku mutumba Kabondo uri ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-lac, yemeza ko Niyonyishu Trésor yatowe mu kinogo kiri impande y’uruzi Rwaba ku mutumba Kabondo. Ico kibondo bakikeka ko coba casheshwe n’urwo ruzi mu gihe coba cariko kiroga. Uwo akaba agize umuntu agira kabiri atowe mu kinogo ku ruzi Rwaba, ngaho ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-lac, mu kiringo c’indwi imwe. Uwaheruka akaba ari umusore w’imyaka 26 yitwa Élysée Arakaza, yatowe mu kinogo kuri urwo ruzi mu ndwi iheze. Ababa ngaho ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-lac bagasaba gukora amatohoza yimbitse kuri izo mpfu zitumvikana.
II. Imyidogo ni myishi mu banyagihugu ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba, kuronka impapuro bakeneye muri komine bifata igihe kinini cane. Abanyagihugu bahawe itegeko ryo kwandikisha izo mpapuro muri komine, ngo ntibazosubire kuja aho bita secretariat public.
III. Ubukene bw’isukari bwasubiye kwibonekeza mu ntara ya Muyinga burahagaritse umutima abaguzi. Abana bakiri bato bakenera isukari mu ngaburo yabo bikaba ikibazo, nk’ukwo vyemezwa n’imwe mu miryango. Aho ishoboye kuboneka mu tuzu tw’idandarizo, ikiro kimwe kikaba kigeze ku mafranga 4000, mu gihe igiciro cashinzwe na leta, ari 2500 ku kiro. Abaguzi bagasaba abajejwe intwaro guhagurukira abo badandaza bikika mu kiza, aho na nkeyi iboneka baca bayinyegeza kugira ngo bayigurishe izimvye, ahandi igashoka hanze y’igihugu.
IV. Abavyeyi n’amashirahamwe ajejwe agateka k’abana bakwiye kwumvikana ibihano boshiraho, vyotuma umwana yananiranye aronka indero ikwiye. Ivyo bishikirizwa na Eulalie Nibizi yahoze arongoye syndicat y’abigisha. Ni mu gihe, mu ntango z’ino indwi, abanyeshure mirongo ibiri na batanu birukanywe kuri lycée ya Rutovu bahorwa kutagira indero. Bamwe muri bo bakaba baronse ubusa mu ndero, abandi na bo bakaba bagirizwa gutera amabuye umwe mu barezi.
V. Ikiganiro Kw’isoko c’uno munsi kiza guhagarara ku ngingo iherutse gufatwa na leta y’Uburundi, yo kuduza igiciro c’ikawa muri iyi sizeni y’umwaka wa 2023 ushira uwa 2024.