Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/05/2023

Publié le 29 mai 2023 par Rédaction
I. Ikiziga cari gitanguye kononekara c’umugabo azwi kw’izina rya Rukata, caratowe kuri uyu wa Mungu ku mutumba Sampeke wa komine Kayogoro, ni mu ntara ya Makamba. Uwo mugabo ngo abamwishe babanje kumuca ibihimba vy’irondoka. Amakuru dukura ngaho ku mutumba Sampeke akavuga ko yatowe mu gashamba ku birometero 4 no ku muhana iwe. Ababanyi n’umuryango bavuga ko Rukata yari yabuzwe irengero kuva ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 24. Uwo mugabo asanzwe ari umunywanyi wa CNDD-FDD, ngo yari yavuye muhira ari kumwe n’abantu bagiye kumugurira ibiti vy’imikaratusi, ariko ntiyasubiye kuboneka kuva uwo munsi. Ayo makuru aremezwa n’abajejwe intwaro n’igipolisi ngaho muri komine Kayogoro. Ikiziga ciwe caciye gifubwa aho nyene ku musi w’ejo n’abakozi ba Croix-Rouge.  Abo bari bagiye kugura ibiti vy’uwo muhisi bakaba baciye bahagarikwa n’igipolisi, harimwo umubanyi wiwe azwi kw’izina rya Juma Kagoma, ku mvo z’amatohoza.
II. Abanyagihugu bo muri komine Giharo y’intara ya Rutana baratewe umutima uhagaze n’ubwicanyi bumaze imisi bukorwa n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD. Abantu 2 akaba ari bo bamaze kugandagurwa n’urwo rwaruka, mu kiringo c’indwi imwe. Abo banyagihugu bagasaba ko hoba amatohoza y’abagirizwa ubwo bwicanyi bafatwe bahanwe hisunzwe amategeko.
III. Uwuzokotesha inzu yiwe ku mugambwe CNL kugira ngo uyikoreremwo akwiriye kwemanga ibizoshika vyose. Vyashikirijwe n’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Gihungwe, komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, hari mu mpera z’indwi iheze, akaba yariko abibwira abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ngaho i Gihungwe. Ngo uwuzobikora azoba anyegeje ikara mu mpuzu, kandi ngo azoba yemeje ingwano izotangurira iwe, igaherera mu rugo rwiwe. Rémy Nsengiyumva aserukira umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Gihungwe.
IV. Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha abona ko ukubuza abanyagihugu gupangisha amazu yabo ku mugambwe CNL vyerekana ko ukutihanganiranira mu vya politike kugeze ku rugero ruteye ubwoba. Ku bwiwe ivyo vyerekana neza ko CNDD-FDD idashaka na gato intwaro ya demokarasi mu Burundi.
V. Ferederiko Bamvuginyumvira avuga kandi ko vyerekana ubuto vy’umugambwe CNDD-FDD kuko utigeze ushaka guteza imbere igihugu, na kare ngo nta n’ivyo ushoboye.
VI. Abarundi bakoze ivyaha vya genocide, ivyaha vy’ubwicanyi n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa ntibari bakwiye kwijajara ngo batekane, kuko umusi n’umusi bazofatwa bakubitwe intahe mu gahanga bishure amabi bakoze. Ivyo bivugwa na Gustave Niyonzima arongoye urunani rw’abashingwamanza CAVIB, rwishinze kuburanira abarundi bashikiwe n’ivyaha mwene ivyo. Abivuze inyuma yaho hari umunyarwanda yitwa Fulgence Kayishema yafashwe mu ndwi iheze inyuma y’imyaka irenga 20 yinyegeje mu gihugu ca Afrika y’epfo. Akaba yagirizwa kuba yaragize uruhara mw’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda mu 1994. Umushingwamanza Gustave Niyonzima yibutsa ko icaha ca genocide n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa bitibagirwa, kandi bitagirirwa ikigongwe.
VII. Imyidogo ni myinshi mu baguzi b’ibinyobwa vya Brarudi bo mu ntara ya Muyinga, aho hibonekeza akajagari kajanye no kutubahiriza ibiciro vyashinzwe na leta, bijanye n’urudandazwa rw’ibinyobwa bimwe bimwe vy’ishirahamwe Brarudi. Isoko rya Radiyo Inzamba ku mugwa mukuru w’iyo ntara, rivuga ko nka Amstel yagurwa amahera 2500 ubu igurishwa hagati ya 2800 n’ibihumbi bitatu (3000). Primus ikagurwa amahera ari hagati ya 2200 ni 2500, itategerezwa kurenza amahera 1800 mu bunywero.
VIII. Urunani CBDH-VICAR rurimwo abaharanira agateka ka muntu bari mu makambi y’impunzi, ruratewe umutima uhagaze n’ingingo iherutse gufatwa na leta ya Malawi y’ugushira mw’ikambi ya Dzaleka impunzi zose zaba hanze y’ikambi. Mw’itangazo urwo runani rwashize ahabona kuri uyu wa mbere, Vyizigiro Jean Bosco avugira CBDH-VICAR, amenyesha ko iyo ngingo igiye gushira mu buzima bugoye izo mpunzi, kuko zitazosubira kwikenura. Asaba leta ya Malawi guhagarika iyo ngingo ihonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu.
IX. Mu makuru y’inkino, imigwi ya Bumamuru na Aigle noir ni yo yaraye ironse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu mu mupira w’amaguru.  Nayo muri basketball, inkino zo gusubiza (phase retour) zarabandanije. Gushika ubu imigwi y’Urunani na Remesha niyo ikiri imbere muri iryo higanwa

Ibindi bisa n'ibi