I. Hari umusore w’imyaka 24 yahora yiga muri kaminuza yitiriwe « Ibiyaga binini » yabuzwe irengero kuva kuri uyu wa mbere. René Ernest Niyungeko avuka ku musozi Rubanga, zone na komine Matana mu ntara ya Bururi, yaba mu gisagara ca Bujumbura, akaba yari afise umugambi wo kuduga ruguru iyo avuka. Mushiki we, ngo yaherutse bavugana kuri telefone isaha zibiri zo mu gatondo, ngo yararindiriye ko amushikira arabura. Eka ngo bararondeye no mu busho butandukanye barabura.
II. Abavunjayi barenga cumi barahagaritswe kuri uwu wa mbere mu ntara za Rumonge na Makamba mu bumanuko bw’igihugu. Bose bakaba bagirizwa gukora urudandazwa rw’amafaranga mvamakungu bidaciye mu mategeko. Bapfungiwe mw’ibohero ry’inyamiramabi rya Rumonge na Mabanda. Imiryango yabo isaba ko borekurwa ngo kuko ntaco bariko bazira.
III. Inkurikizi mbi ziturutse kw’ibura ry’igitoro cane cane co mu bwoko bwa essence mu ntara ya Muyinga zitera ziyongera uko imisi igenda. Ivyo n’ibimenyeshwa na bamwe mu bafata ingendo zitandukanye bava muri iyo ntara bagana mu yindi mihingo y’igihugu. Aha bakavuga igabanuka ry’igitigiri c’imodoka zunguruza abafata ingendo, hamwe n’iduga ry’ibiciro vy’itike yo kwiyunguruza.
IV. Abanyeshure barenga ibihumbi mirongo indwi na bitanu bo mu mwaka w’icenda w’ishure nshingiro, ni bo bitavye ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure y’inyuma y’ishure nshingiro bita concours national. Ico kibazo kikaba catangujwe icese kuri uno munsi wa kabiri igenekerezo rya mirongo itatu rusama uno mwaka n’umushikiranganji ajejwe indero François Havyarimana kw’ishure nshingiro rya ECOFO Muriza, riri muri komine Butaganzwa mu ntara ya Ruyigi. Akaba yamenyesheje ko ico kibazo kiriko gikorwa mu bibanza birenga 900 vyateguwe mu gihugu cose.
V. Kuri uno wa kabiri, niho umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu c’Uburusiya n’ayandi makungu yashika mu Burundi, aho yaganiriye na mugenzi we w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu. Mu mubonano bagiraniye bakaba bavuganye ibijanye no gufashanya hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri. Umushikiranganji Albert Shingiro ajejwe imigenderanire yo gufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu.
VI. Venuste Niyongabo yatanze imihoho mu mugwi w’igihugu ujejwe ivyo kunonora imitsi, Comité national olympique. Mw’ikete yandikiye uwurongoye CNO, asigura ko iyo ngingo yayifashe kubera atagishwa inama mu ngingo zikomakomeye zifatwa. Venuste Niyongabo yibutsa ko yagenywe muri ayo mabanga mu mwaka uheze, kugira aterere mw’itegura ry’abanonotsi b’abarundi, mu ntumbero yo kuja mu nkino mpuzamakungu Jeux olympiques zizobera i Paris, mu mwaka uza. Akavuga ko hari n’abanonotsi bahatswe gukurwamwo atabimenyeshejwe. Yongera avuga ko aruhishijwe no kuba nk’igishusho muri CNO.