Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/05/2023

Publié le 31 mai 2023 par Rédaction
I. Ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe mu gitondo kuri uwu wa gatatu ku mutumba Fota muri komine Ndava, ni mu ntara ya Mwaro. Uwo mugabo akaba azwi kw’izina rya Daniel. Amakuru ava aho ku mutumba Fota, avuga ko aturuka muri komine Nyabihanga muri iyo ntara ya Mwaro. Ababa mu gice yatowemwo, bakaba bamenyesha ko batazi icamwishe. Bakikeka ko yoba yanizwe akazanwa gutabwa muri ico kibanza. Mu gipolisi no mu ntwaro baremeza amakuru y’itorwa ry’ico kiziga, bakamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira ngo icishe uwo mugabo kimenyekane, abamwishe na bo bamenyekanye bahanwe. Mu muryango wiwe bakaba basaba ko ubutungane bukora.
II. Hari umugabo umwe yaraye apfuye bivugwa ko yoba yiyahuye. Vyabereye kw’ibarabara ry’icumi ryo muri quartier Centre Urbain mu gisagara ca Rumonge, hari mw’ijoro ry’uwu wa kabiri rishira uwa gatanu. Amakuru atangwa n’abo babana mu nzu, avuga ko yatashe avuye ku kazi kiwe, aca yinjira mu nzu arugara, bakaba bagiye kumuhamagara haje abashitsi muri urwo rugo, baradodora ntiyitaba, basituye umuryango basanga yapfiriye muri ico cumba. Umuhisi yari azwi kw’izina rya Marcel Niyonkuru, akaba yari umudandaza mw’isoko nkuru ya Rumonge. Mu muryango wiwe bavuga ko bamusanganye ikiziriko mw’izosi, ariko ko batazi icoba catumye yiyahura.
III. Umugabo azwi kw’izina rya Idi Bashilu afise ubwenegihugu bwa Tanzaniya yitavye Imana kuri uwu wa gatatu mu gitondo, ku mutumba Kibogoye mu gace kari mu bwinjiriro bw’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga, ahitanywe n’isanganya ry’umuyagankuba, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro avyemeza. Idi Bashilu, yari umushoferi atwara imodoka nini muri zimwe zunguruza ibitoro. Nk’ukwo bamwe mu babibonye babivuga, ngo yuriye hejuru kw’ikamyo hanyuma intsinga zitwara umuyagankuba zimukorako aca yitaba Imana ubwo nyene.
IV. Buramatari w’intara ya Makamba, Ngozirazana Françoise, aragabisha abo bose bafise amatongo muri iyo ntara ataco bayakoreramwo, ko hageze mu kwezi kwa Nyakanga ata migambi y’iterambere bazoba barayaranguriramwo, Leta izoca iyashikira. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu avuga ko iyo ngingo idakwirikije amategeko ahubwo ari agahotoro. Leta yategerezwa kugisha inama n’ingingo bene ayo matongo, kandi ko umunyagihugu afise ububasha bwo kugira amatongo abiri. Asaba nyabuna buramatari w’intara ya Makamba gusubiramwo iyo ngingo.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba ntibashimishwa n’iyo ngingo yaraye ifashwe na buramatari w’iyo ntara Françoise Ngozirazana yo kwaka abanyagihugu amatongo ataco bazoba barayakoreramwo, kuva mu kwezi kw’icenda kw’uyu mwaka. Abo banyagihugu bakavuga ko iyo ngingo ari iy’agahotoro.
VI. Harakenewe inyigisho zihutirwa zikura urwanko mu mitima y’abafise ubutegetsi kuva hejuru gushika hasi. Akamo gaterwa n’umuhari Inamahoro, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ni inyuma y’amajambo aherutse gushikirizwa n’umwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Gihungwe, komine Gihanga y’intara ya Bubanza, agabisha uwo wese azokotesha inzu yiwe ku mugambwe CNL ko azovyishura. Amajambo ahagaritse umutima uwo muhari. Kubwa Marie Louise Baricako awurongoye, ayo majambo ahamagarira abantu kwinubana ashikana ku bikorwa vyo gukorera ikibi uwundi.
VII. Ihadabu ry’ibihumbi ijana no kwakwa amafranga yose bafatanywe, ni rwo rubanza sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Rumonge yaraye iciriye abagabo icenda bavunja amafranga mu gisagara ca Rumonge. Bashengejwe mu ntahe y’ikibiriraho yo kuri uwu wa kabiri. Bamwe mu begereye abo bahanywe bakaba bavuga ko barenganijwe.
VIII. Abanyagihugu bo muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza baratewe umutima uhagaze n’indwara ifata abana bato, bagafatwa bacibwamwo bakagira ubushuhe. Abana bamaze gufatwa n’iyo ndwara amakuru ava i Kabarore avuga ko bose hamwe barenga ijana. Basaba abajejwe ubuvuzi mu karere no mu ntwaro gukurikiranira hafi ico kibazo.
IX. Ukutaronswa urupapuro rw’amavuko biri mu ngorane zihanze impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Mu gihe igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR catanguye kwandika abana bavukiye mw’ikambi kuva kw’igenekerezo rya 29 z’uku kwezi kwa gatanu, impunzi zivuga ko abaserukira Leta ya Congo babanza kubarihisha izo mpapuro bohawe ku buntu. Olivier Iranzi aserukira impunzi mw’ikambi ya Lusenda, avuga ko hariho agahaze mu gukorana hagati ya HCR n’abaserukira Leta ya Congo bagize umugwi ujejwe impunzi CNR, agasaba kuronswa izo mpapuro atakirinze gusabwa.

Ibindi bisa n'ibi