Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/06/2023

Publié le 1 juin 2023 par Rédaction
I. Abantu 19 barishwe, 2 baranyuruza, 14 barapfungwa hadakurikijwe amategeko, abagera kw’icumi nabo barahohotererwa ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT Burundi, co mu kwezi kwa Rusama ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi. Bamwe mu bajejwe intwaro bafadikanije n’abajejwe umutekano, n’urwaruka rw’imbonerakure bakaba baza kw’isonga muri ubwo bubisha. Anitha Gateretse ajejwe gukurikirana ibikorwa vy’ishirahamwe ACAT Burundi.
II. Abarundi bategerezwa gukingira vyanka vyakunda intwaro ya demokrasi ishingiye ku kwihanganirana. Ivyo bishikirizwa na Léonce Ngendakumana, icegera c’uwurongoye umugambwe FRODEBU. Ni mu gihe kuri uno munsi w’igenekerezo rya mbere Ruheshi, hahimbazwa imyaka mirongo itatu habaye itsinzi ya demokrasi, aho imigambwe itari mike yahiganywe yidegemvya, umugambwe FRODEBU akaba ari wo watsindiye ayo matora. Léonce Ngendakumana ahamagarira abarongoye intwaro gufatirako akarorero ku vyabaye kw’igenekerezo rya mbere Ruheshi umwaka 1993, bagashinga politike ishimikiye ku kwihanganirana, imigambwe yose igakora yidegemvya, hadakoreshejwe iterabwoba.
III. Ingingo iherutse gufatwa na buramatari w’intara ya Makamba yo gufata mu kwezi kw’icenda amatongo yose ataco akorerwamwo, ihonyanga amategeko agenga agataka be n’ibwirizwashingiro ry’Uburundi. Bisigurwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, aho yibutsa ko mw’ibwirizwa shingiro, leta ata burenganzira na bumwe ifise bwo kunyaga itongo umunyagihugu itamuhaye umuzibukiro, mu gihe ico kibanza kigomba kurangurirwamwo umugambi ngirakamaro ku gihugu.
IV. Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya mbere Ruheshi 2023, isi yose irahimbaza umusi wahariwe umuvyeyi. Umuhari Inamahoro uhurikiyemwo abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uributsa ko mu Burundi uwo musi ushitse mu gihe abavyeyi batacitaho bikwiye indero y’abana bavyaye. Kubwa Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, imiryango y’ubu irangwamwo amatati avuye ku mvo nyinshi, ingaruka mbi zikaja ku mwana, kazoza kiwe kakabangamirwa.
V. Barasaba kuronswa impapuro z’ubuhungiro kugira ngo baje kugurisha utwabo basize mu vyaro. Abo ni impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Malawi, zakuwe mu ntara zitandukanye z’ico gihugu, zijanwa mw’ikambi y’impunzi ya Dzaleka mu gihugu ca Malawi. Inyuma yo gupfungirwa mu busho butandukanye muri ico gihugu, bahavuye bajanwa mw’ibohero rikuru i Mahula, bahava mu nyuma bajanwa mw’ikambi y’i Dzaleka, aho hari bamwe barara hanze kuko bataronse ababaha indaro. Gushika ubu, ngo ntibararonswa impapuro z’ubuhungiro, zotuma barekurirwa kuja kugurisha amatungo yabo basize mu ntara.

Ibindi bisa n'ibi