I. Haraciye indwi zitatu hadutse indwara itaramenyekana mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abanyororo batanu akaba aribo bamaze kwandura iyo ndwara. Amwe mu makuru ava muri iryo bohero akavuga ko iyo ndwara yoba yaturutse ku bukene bw’amazi bwibonekeza muri iryo bohero rya Mpimba, haraciye ukwezi.
II. Ibiriko birashikira abanyororo bo mw’ibohero rya Mpimba birahagaritse umutima ishirahamwe ACAT Burundi, rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, arasaba leta na cane cane ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, kugira batabare ibara ritaragwa.
III. Ukudahana biri mu bituma ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi riguma ryimonogoza. Ivyo bivugwa n’umuhari ligue Iteka mu cegeranyo cawo ku bijanye n’agateka ka zina muntu c’ukwezi kwa gatanu uno mwaka. Iryo shirahamwe rikaba ryashize ahabona abantu bamenyekanye ko bagandaguwe 36. Rikaba rimenyesha ko hari n’ayandi mabi yakozwe, nk’ayafatiye ku gitsina, canke gufunga abantu bidakurikije amategeko. Anschaire Nikoyagize, arongoye ligue Iteka.
IV. Abantu 11 bagizwe n’abagabo indwi bafise ubunywero budandaza inzoga zihingurwa n’ishirahamwe Brarudi, mu bibanza bitandukanye vyo ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, nibo baraye bahagaritswe. Bafashwe ku muhingamo wo ku wa kane, na musitanteri wa komine Muyinga, Amédée Misago, afadikanije n’igipolisi. Abo bose bakaba bafashwe kubera bariko bagurisha ibinyobwa vya Primus nini na Amstel ndende, ku giciro giteye kubiri n’amategeko.
V. Abantu icenda bafashwe mu ntango z’iyi ndwi bagirizwa kutubahiriza amategeko mu gikorwa co kuvunja amafranga, kugeza n’ubu bafungiwe mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Rumonge. Ariko rero bivugwa ko bari bemeye icaha bakoze, mbere bakanariha n’ihadabu baciriwe. Imiryango yabo isaba ko borekurwa ata kirinze gusabwa.