I. Ingingo zose zafashwe n’umugambwe CNL mu ma nama abiri aheruka zarafuswe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira. Ayo ma nama yari yabaye ku magenekerezo ya 12 Ntwarante na 30 Ndamukiza uno mwaka, ngo yabaye hahonyanzwe amategeko ngenderwako y’umugambwe CNL hamwe n’ibwirizwa shingiro. Ivyo bikaba biri mw’ikete umushikiranganji Martin Niteretse aheruka kwandikira umukuru w’umugambwe CNL.
II. Umugambwe CNL nta caha na kimwe wakoze, kugira ufatirwe ingingo z’uko hohagarikwa ibikorwa vyawo. Ivyo bishikirizwa n’umushingamateka Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL. Ni inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yandikiye umukuru w’uwo mugambwe, amumenyesha ko ibikorwa vyavuye mu makoraniro yo ku wa 12 Ntwarante no ku wa 30 Ndamukiza umwaka 2023, bitemewe n’ubwo bushikiranganji. Agathon Rwasa aratangazwa n’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yivuguruza mu gufata ingingo, na rirya ari we yatanze impusha kuri ayo masango uko ari abiri, akongera akanamenyeshwa ivyavuyemwo. Ivyo akaba yabivugiye kuri radiyo Isanganiro.
III. Ngo niko bisanzwe bigenda mu gihe haba himirije amatora, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buca butangura kuburabuza ibikorwa vy’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Ku bwa Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga, ivyo leta ngo ibikora mu guhungabanya uwo mugambwe CNL wa Agathon Rwasa, kuko bimaze kugaragara ko uwo mugambwe ushobora kuba waratsindiye amatora ahitiye. Chauvineau Mugwengezo avuga ko ugushaka gusambura CNL ahubwo arivyo biwuha inguvu gusumvya.
IV. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse amenyesha ko abantu bose bipfuza kurangura ibifungurwa mu ntara babijana ahandi, bazobanza kwaka uruhusha ba buramatari b’intara bagiye kuranguriramwo. Ivyo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba yabivuze mu nama yagiranye na ba buramatari kuri uno wa kabiri. Imvo nyamukuru akaba ngo ari ugushaka kumenya umwimbu wabonetse mu gihugu, no gukinga kugira ntihagire abikika mu kiza bashore uyo mwimbu hanze bitazwi.
V. Integuro nshasha y’amafranga azokoreshwa na leta mu mwaka wa 2023 ushira uwa 2024 yosohoka hakiri kare, hakaboneka n’icegeranyo cerekana uko ubutunzi bw’igihugu bwifashe. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ni mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku bijanye n’itunganywa ry’amafranga leta ikoresha. Ku bwiwe ngo ivyo vyofasha abarundi gutanga intererano mu guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.
VI. Faustin Ndikumana arongera agasigura ko bikenewe ko umushikiranganji umwe umwe asigurira abarundi ivyo ubushikiranganji arongoye bwiyemeje kurangura uno mwaka, mu gisata kimwe kimwe cose. Gutyo umwaka urangiye azoheze abazwe aho agejeje ibikorwa yiyemeje.