I. Abanyororo batatu baramaze kwitaba Imana mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bahitanywe n’indwara itaramenyekana. Ivyo bishikirizwa na Jean Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi. Arahamagarira Leta kwitwararika abo bafungwa mu kubakingira, kuko iyo ndwara ibandanya kwandukira n’abandi, arongera agatera akamo amashirahamwe ajejwe ubuvuzi, n’ayaharanira agateka ka zina muntu, gutabara abo bafungwa kuko bageramiwe.
II. Abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na leta bo muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba muri kino gihe baratekewe n’ubwoba, kubera rusansuma iriko iraba muri iyo komine, rusansuma yo kwandika abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ku ruhande rumwe, n’abo mu migambwe itavuga rumwe nawo ku rundi ruhande. Abo batavuga rumwe na CNDD-FDD bakabibonamwo umugambi wo kuzohava bagirirwa nabi mu misi iri imbere kubera iyo rusansuma.
III. Urwo rusansuma ruriko rukorwa n’umugambwe CNDD-FDD ni ikimenyetso c’ubwoba bw’uwo mugambwe harimwo no gushaka gutera ubwoba abatavuga rumwe nawo. Ivyo bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha rw’abatavuga rumwe na leta. Avuga kandi ko vyerekana ko reta ya CNDD-FDD atakindi kiyiraje ishinga atari amatora.
IV. Kuri uno wa gatanu ntivyari vyoroshe mu gisagara ca Bujumbura, biturutse kw’ikena ry’ibitoro vyo mu bwoko bwa Mazout. Benshi abaja ku mirimo itandukanye bacerewe kubera ata miduga yunguruza abantu yari ihari, bakaba baca bahitamwo kugenda n’amaguru.
V. Leta y’Uburundi itegekanya kuduza igiciro c’isukari ku kilo, kugira ngo ishirahamwe SOSUMO rihangane n’ibibazo bijanye n’iduzwa ry’ibiciro vy’ivya nkenerwa kw’isoko mpuzamakungu, maze rishobore gutanga umwimbu uhagije. Mu nama y’abashikiranganji yakoranye kuri uyu wa kane, abashikiranganji basanze ishirahamwe SOSUMO ririko rikora rihomba, na cane cane kw’isukari iva hanze y’igihugu, ibishobora gutuma iryo shirahamwe rihomba. Prosper Ntahorwamiye, ni umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa leta.