I. Igisata ca Afrika kijejwe kubahiriza agateka ka muntu gisaba Uburundi guha indishi y’akababaro abarundi umunani bituye ico gisata. Ni inyuma y’amabi atandukanye bakorewe n’inzego z’umutekano, mu gihe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu kitubahirije amategeko, c’umuhisi Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015. Ingingo ikaba yashimishije abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe amabi kuva muri 2015. Kubw’umushingwamanza Lambert Nigarura, iyo ngingo ije kwerekana ko amabi menshi yakozwe kandi akibandanya gukorwa mu Burundi.
II. Ibanki nkuru y’igihugu yamenyesheje kuri uno munsi wa gatandatu ko guhera kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi uno mwaka, hagiye gushingwa itegeko ry’uko umuntu yemerewe gutora kuri konti yiwe, amafranga atarenga ibihumbi amajana atatu y’amarundi ku munsi. Amashirahamwe na yo ntazorenza amafranga angana n’umuriyoni n’ibihumbi amajana atanu ku munsi. Iyo ngingo ikaba yafashwe kugira ngo abantu bamenyere gukoresha ubuhinga bwa none, mu kubikuza amafranga canke kuyabika, bifashishije terefone canke ubundi buryo bukoreshwa mu ma banki.
III. Iduzwa ry’igiciro c’isukari y’ihinguriro SOSUMO gikwiye kuzanana n’iboneka ry’iyo sukari ku masoko yo mu Burundi. Bisigurwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, ngo bashike kw’iterambere rirama. Abivuze mu gihe leta y’Uburundi, ibicishije ku munyamabanga wayo mukuru, yaraye imenyesheje ko leta itegekanya kuduza igiciro c’isukari ya SOSUMO. Ku bwiwe igiciro c’ikidandazwa copfuma kiduzwa kikaboneka, hako kibura ku masoko kandi kiri mu bintu vya nkenerwa.
IV. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu ma zone ya Kigwena na Gatete, ari muri komine n’intara ya Rumonge. Ni mu gihe hibonekeza inka zonera abanyagihugu. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko izo nka ziva mu ma komine y’intara ya Bururi zije kurisha. Abanyagihugu bakaba bidogera abajejwe intwaro ku mitumba babagiriza kubigiramwo uruhara, bagasaba ko vyohagarara.
V. Bateri zitandatu zatanga umuyagankuba kw’ivuriro ryo ku musozi Humure, muri zone Kigamba mu ntara ya Cankuzo, zaribwe mw’ijoro ryo ku musi wa kane. Inkuru ziva kur’iryo vuriro zikavuga ko amakenga ari menshi kubera kuva aho bimenyekaniye, ata n’amatohoza yigeze akorwa. Kandi aho zibiwe bigasa n’uko ata nguvu zakoreshejwe. Uyu muntu yariboneye aho izo bateri zakuwe.
VI. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi kivuga amabi y’itabi, mu gihe mu mpera z’ukwezi guheze hahimbajwe umusi mpuzamakungu wo kurirwanya.