I. Abanywanyi cumi na batatu b’umugambwe CNL bo muri komine Itaba iri mu ntara ya Gitega, barahagaritswe n’igipolisi kw’igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka 2023, ubu bakaba bafungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi. Amakuru dukura muri iyo komine amenyesha ko igipolisi co muri iyo komine cabahagaritse kibagiriza ko bari mu nama, ivyo abari muri ako kabare bahakana kuko bamenyesha ko bariko bivuna inyota. Abo banyagihugu bagasaba indongozi zo muri iyo komine kubatunganiriza bakarekurwa, kuko abo bantu bariko bararenganywa.
II. Hari umunyororo yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza, mu nyuma ararekurwa kw’itegeko nshikiranganji ryo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze. Kuva mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, yarasubiye guhagarikwa n’iperereza ry’Uburundi rimwagirizako yatorotse ibohero. Inyuma y’amezi abiri apfungiwe mu busho bw’iperereza, yaciye asubira kwinjizwa mw’ibohero rya Bubanza. Umuryango wiwe usaba ko uwabo yorekurwa kuko ataco ariko arazira.
III. Irekurwa ry’abanyororo bagirizwa ivyaha vya politike riracari kure nk’ukwezi mu Burundi. Ishirahamwe ACAT-Burundi muri kino gihe, riharura abarenga mirongo ibiri bapfungiwe ubusa kandi bararekuwe n’ubutungane, harimwo Mahoromeza Mertus apfungiwe mw’ibohero rya Bubanza. Jean-Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, asaba umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, ko wokora uko ushoboye kugira abo bapfungiwe ubusa barekurwe.
IV. Haribonekeza ikena ry’amazi atangwa n’ishirahamwe REGIDESO mu miryango yo ku mutumba wa Kibogoye, mu gice kiri mu gisagara c’intara ya Muyinga. Iryo kena ryaturutse ku bikorwa vy’ikigo c’igihugu gikora amabarabara ARB, bukaba buhagaritse umutima iyo miryango. Iruhande y’ingorane zifatiye ku gutunganya ibijanye n’isuku, be no gukinjika, iyo miryango ifise amakenga ko ishobora guterwa n’indwara ziturutse kw’isuku rike. Abo banyagihugu bagasaba ishirahamwe REGIDESO gukora ibishoboka ngo amazi aboneke vuba na bwango.
V. Inyuma y’ikiringo catanzwe na leta y’Uburundi kugira inoti za bitanu n’iz’ibihumbi cumi zizobe zasubirijwe na nshasha, hazoca hakurikira isuzumwa mu ma banki y’ubudandaji, kugira amatohoza agaragaze ko atabikitse mu kiza ngo batware ku ma konte yabo igitigiri c’amafaranga arenze ku yo barekuriwe. Ivyo biri mw’itangazo ryaraye risohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kuri uno wa kabiri. Iryo tangazo rigabisha abazohirahira bakabikora ko ayo mafranga yabo azoca ashirwa mu kigega ca leta. Ico gikorwa kizotangura kuva kw’igenekerezo rya 18 za kuno kwezi, haraye hasozerewe ikiringo catanzwe n’ibanki nkuru ya Republika BRB. Iryo tangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu bijejwe kumenyesha amakuru ryongera kugabisha abo ryita ko bariko bashaka kuburabuza iyo nteguro ya leta yo gusubiriza izo noti za bitanu be n’ibihumbi cumi.
VI. Umunyagihugu wese agifise bene izo noti, akaba atagira ikonti muri banki canke mw’isandugu ry’ukubika n’ukuguranana, ategerezwa kuja kwiyandikisha ku biro vya zone aho aturuka. Agende yitwaje izo noti. Biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa gatatu n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi. Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji, asaba abarongoye intwaro ku mitumba kuhagera kugira babikurikirane.
VII. Kugira igihugu gihangane n’ubukene bw’amafranga y’agaciro, gitegerezwa kurondera ivyo gishora hanze bitandukanye, hama inzego zitandukanye zigakora ziyumvira uko zokwinjiza amafranga y’agaciro mu vyo zikora. Ni zimwe mu ntererano z’umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana, inyuma yaho umushikiranganji wa mbere asohoreye ingingo nshasha zofasha kugira amafranga y’agaciro asubire kuboneka mu gihugu. Ingingo zitikwiye, ku bw’uyo arongoye ishirahamwe PARCEM kuko ibanki nkuru y’igihugu idashobora kwifasha ico kibazo yonyene. Ku bwiwe, leta yategerezwa kwiga gukorera ku biharuro, ivyo bita statistiques, kugira imenye aho ishaka gushika.
VIII. Imyidogo ni myinshi mu banywanyi b’ibanki BCB bo muri komine Kiremba mu ntara ya Ngozi. Bavuga ko baguma bakatwa amafranga, mu gihe baba baramaze kwishura amadeni bafashe. Eka ngo n’iyo batse urupapuro rwemeza ko batayiheraniye « attestation de non-redevabilité » barajuragizwa mu kubarungika kuzironderera i Bujumbura. Babona ko bibatwara uburyo bwinshi batiteguriye.