Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/06/2023

Publié le 19 juin 2023 par Rédaction
I. Abapolisi 2 baraye bitavye Imana bagandaguwe n’umwe mu bo bakorana, mu gitondo co ku munsi w’Imana igenekerezo rya 18 Ruheshi uno mwaka, muri komisariya ya komine Nyanza-Lac, iri mu ntara ya Makamba. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko uwo mu polisi yagandaguye bagenziwe, yari asanzwe ariko arimenyereza muri iyo komisariya, ababibonye bakamenyesha ko yabikoze kubera ugusamara. Ubu uwo mu polisi yakoze iryo bara akaba ari mu minwe y’igipolisi kugira agirweko amatohoza.
II. Ino tariki ya 19 Ruheshi yagenewe kugwanya amabi afatiye ku gitsina akorwa mu bihe vy’intureka kw’isi. Mu Burundi, ngo ayo mabi yarakozwe kandi cane. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro mu Burundi. Akaba yiyamiriza ukudahana abayakora. Ivyo na vyo kuri we ngo bigatuma uwabikorewe ubuntu bwiwe butituka. Marie Louise Baricako akaba ahamagarira leta, na cane cane umukuru w’igihugu guhagurukira ayo mabi.
III. Mu vyaranze intwaro ya Evariste Ndayishimiye mu myaka itatu amaze ku butegetsi, mu gisata c’agateka ka zina muntu, abantu barenga 1800 barishwe, abarenga 130 baranyurujwe, na yo abarenga 200 barahohoterwa baborezwa igufa. Bishikirizwa n’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka. Ayo mabi aha nini ngo akorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rufadikanije na bamwe mu nzego z’umutekano n’iperereza. Anschaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka, asaba umukuru w’igihugu gushiramwo inguvu agwanye ukudahana.
IV. Muri politike hamwe n’intwaro ibereye, ibikorwa vy’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi CNDD-FDD ntivyigeze bigaragara, muri ico gihe Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Ivyo navyo vyerekana ko inzira ya demokrasi mu Burundi iri kure nk’ukwezi. N’umwihwezo wa Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha, ruhurikiyemwo abaharanira amasezerano ya Arusha. Ku bwiwe biragoye ko igihugu gishika kw’iterambere mu gihe uyo mukuru w’igihugu yiyegereje abo mu muryango wiwe n’abakunzi biwe mu kurongora igihugu.
V. Uyo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi ahanura Evariste Ndayishimiye kwisunga amasezerano ya Arusha mu kwubaka igihugu. Hanyuma agatahukana abafise ubushobozi bamufashe kwubaka igihugu cubakiye ku mategeko. Frédéric Bamvuginyumvira.
VI. Umugwi w’igihugu ujejwe amatora CENI ngo waratanguye kwiyumvira ku ntererano yawo mw’ishirwaho ry’ibwirizwa rizogenga amatora yo mu mwaka wa 2025 na 2027. Vyashikirijwe kuri uno wa mbere n’umukuru w’uwo mugwi. Pierre-Claver Kazihise amenyesha ko iryo bwirizwa rizokwisunga aha nini itegeko rishasha rishinga uburere bugize Uburundi.
VII. Leta yari ikwiye gutanga icegeranyo c’ivyavuye mu gikorwa co guhinduza inoti za bitanu na cumi cari kimaze ikiringo c’indwi. Bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ku bwa Faustin Ndikumana arirongoye, leta n’ibanki y’igihugu BRB vyari bikwiye kubwira abanyagihugu ico leta yungutse, no kumenyesha abarundi ko abakekwako ubusuma hari abamaze kumenyekana, na cane cane ko hariho abo casizemwo imvune bahahombeye, kubera kutamenya no kubera ata tegeko rihari ribuza kubika amahera mu nzu.
VIII. Abagabo babiri harimwo uwuzwi ku mazina ya Julius Ndandari aba ku mutumba Mageni, zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga, bari mu minwe y’inyamiramabi guhera ku wa 18 Ruheshi, bagirizwa kwica ku musi w’Imana, imbogo imwe mu zari zatorotse uruhongore rw’ibikoko rwa Ruvubu, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro aho i Mageni abimenyesha. Ayo makuru yemeza ko ku musi wa gatandatu, imbogo 4 zatorotse uruhongore kama rw’ibikoko rwa Ruvubu, hanyuma 3 muri zo abajejwe gucungera urwo ruhongore barashoboye kuzisubiza mu ruhongore, imwe nayo yinyegeza mw’ishamba ririmwo ibidengeri vy’amazi. Abajejwe gucungera urwo ruhongore n’abajejwe intwaro bamaze gutahuka, ngo niho hari umugwi w’inkozi z’ikibi waca wiyunga uyobora ya mbogo werekeza mu gace k’igihugu ca Tanzaniya baca bayicirayo. Amatohoza agitangura haciye hahagarikwa Ndandari Julius. Mu kigo kijejwe ibidukikije OBPE bagatera akamo abanyagihugu kugira uruhara ruboneka mu gukingira ibikoko biri mu ruhongore kama rwa Ruvubu ngo kuko ari itunga ry’igihugu.
IX. Mu makuru y’inkino, umugwi nserukiragihugu muri Basketball iyo uri muri Tanzaniya uriko uvyifatamwo neza. Gushika ubu ukaba umaze gutsinda inkino zose zawuhuje n’imigwi yo muri Sudani y’ubumanuko, Tanzaniya na Eritreya. Urukino rukomeye rusigaye rukazohuza Uburundi n’Urwanda. Muri volleyball, niho hasozera umwaka w’inkino wa 2022 ushira uwa 2023, akaryo ko gushikiriza ubushimwe butandukanye.

Ibindi bisa n'ibi