Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/06/2023

Publié le 22 juin 2023 par Rédaction
I. Biratangaje kubona umuryango w’ubumwe bwa buraya bwakira umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca, mu nama mpuzamakungu iriko ibera i Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Ivyo bishikirizwa n’umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu IDHB, Carina Terstakian. Iryo shirahamwe ryasohoye itangazo, aho ryiyamiriza ukwidegemvya k’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca mu bihugu vya buraya, mu gihe asanzwe yagirizwa ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.
II. Abanyororo bo mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Rutana baratewe umutima uhagaze n’umutekano muke uri muri iryo bohero. Umutekano muke uterwa n’akaborerwe kubera urudandazwa rw’ibinyobwa vya Brarudi n’ibindi binyobwa bitemewe n’amategeko, rubera muri iryo bohero. Abo banyororo bakadoma urutoke ku barongoye iryo bohero na bamwe mu baserukira abanyororo, ko ari bo bakora urwo rudandazwa mu mpisho.
III. Bamwe mu bacamanza mu Burundi baranegura ibikorwa vy’urwego rukuru rw’ubucamanza muri kino gihe. Mu ngendo rumazemwo imisi mu gihugu cose, urwo rwego rukuru rw’ubucamanza rwahamagara ababuranyi imbere y’abacamanza bakavuga ko batashimye ingene imanza zabo zaciwe. Abo bacamanza basaba urwo rwego kwisunga amategeko agenga ubucamanza mu mabanga bajejwe. Uno mucamanza arigana ukwo bimeze.
IV. Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwabandanije guhungabana mu Burundi mu myaka itatu Varisto Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa kane n’Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ. Alexandre Niyungeko arongoye urwo runani, asigura ko amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu agishika ku butegetsi yari ayo gushigikikira ibinyamakuru, ariko yahavuye atandukana cane n’ivyo akora. Akavuga ko abamenyeshamakuru badasiba gutotezwa ku ntwaro yiwe. Alexandre Niyungeko asaba umukuru w’igihugu kwikubita agashi, akubahiriza ubwingenge bwo kumenyesha amakuru. Uno musi ugize kabiri Evariste Ndayishimiye ariko ahimbaza isabukuru y’iyo myaka 3 amaze arongoye Uburundi, mu gikorane c’amasengesho kiriko kibera muri zone Maramvya, ya komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura.
V. Haravugwa ibura ry’ibifungurwa kw’isoko nkuru ya Ngozi. Amabutike amwe amwe yarugaye kubera bimwe mu bifungurwa bitakiboneka, biturutse ku ngingo yo kubuza ko ibidandazwa biva mu ma komine bija mu yandi. Muri ivyo bifungurwa harimwo imyumbati n’ibiyikorwamwo.
VI. Havugwa imyidogo mu banyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, bafise amazu kw’ibarabara rikuru riri mu bwinjiriro bw’igisagara. Intandaro n’ukwo bategekwa gusiga irangi amazu yabo mu ntumbero yo kwitegurira umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira kw’Uburundi. Abatazoshira mu ngiro iyo ngingo bakazofatirwa ibihano. Abo banyagihugu bavuga ko iyo ngingo ari iy’agahotoro mu gihe basanzwe bari mu bukene butagira izina.

Ibindi bisa n'ibi