I. Igitoro kirahari gikwiye, ariko habuze uburyo bwo kucunguruza bakivana mu bubiko buri mu gihugu ca Tanzaniya. Ivyo bishikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, mu kiganiro yagiranye na radiyo y’abongereza BBC. Umukuru w’igihugu akaba yizeza abarundi ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti.
II. Umukuru w’igihugu akwiye kuva muri sokwe niruze, akareka guhenda abanyagihugu, akabamenyesha ingorane nyakuri ituma igitoro kibura, n’ikigiye gukorwa. Ivyo bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Frederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko kubura igitoro ari agahombo kanini ku gihugu, kuko igitoro gituma abantu n’ibintu vyunguruzwa, iyo kibuze ubutunzi bw’igihugu butera busubira inyuma.
III. Abafise ububiko mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana canke mu ma banki muri komine n’intara ya Muyinga, bamenyesha ko bacifumbereje kubera ko bataronswa amafranga bifuza agizwe n’inoti nshasha, kugira barangure imigambi yabo. Ivyo biri uko mu gihe musitanteri wa komine Muyinga, Amédée Misago, we ashima urugero amafranga arenga imiriyoni 71 yari yatanzwe n’abanyagihugu bo muri iyo komine akegeranywa n’abajejwe intwaro, kugira ngo babakabire amanoti mashasha amaze gusubizwa beneyo.
IV. Ku musi ugira gatatu w’amasengesho yo gushima imyaka itatu umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, Patiri Dieudonné Nibizi mu mpanuro yahaye abitavye igikorane, yabwiye abategetsi ko bamwe bamwe muri bo bari mu bakwegera imivumo igihugu, kuba bemeza ko bashize imbere Imana ariko bagakora ibinyuranye n’ivyo igihugu kibitezeko. Uyo mu saserdoti yavuze ko benshi baheza kwiba, kwica be no gukora ayandi mabi, bagaseruka mu bikorane vyo gushimira Imana.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi dushimikira ku myidogo y’umukuru w’igihugu, ku bijanye n’uko ubutare bwitwa terres rares bwasahuwe n’indongozi.