I. Hari abanyagihugu icenda harimwo n’imbonerakure baturuka ku mutumba Mpota, zone Kibezi, muri komine Mugamba n’intara ya Bururi, bamaze iminsi 26 bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi i Bururi. Abo bapfunzwe biturutse ku ntambara yabahuje aho uwurongoye umugambwe muri komine Mugamba yahasize ubuzima. Abo mu miryango yabo bakavuga ko ababo batarigera barenguka na rimwe imbere y’ubutungane kugira bisigure.
II. Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi, isi yose irahimbaza umusi wahariwe gushigikira abahohotewe ubuzima « Torture » mu gifaransa. Ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu riributsa ko mu myaka itatu umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, ico caha c’uguhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu kibandanya kwigaragaza mu Burundi. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe ACAT-Burundi asaba leta y’Uburundi kwubahiriza ivyo yiyemeje, kugira abakora ico caha bahanwe.
III. Abahohotewe na bo ngo nibareme kuko bariko barafashwa kugira baronke ubutungane ku rwego mpuzamakungu. Anitha Gateretse.
IV. Umugabo w’imyaka 40 azwi kw’izina rya Adamu Nimubona aturuka ku mutumba Ruganirwa, zone Cumba, komine n’intara ya Muyinga, yaraciriwe ku munsi wa gatandatu na Sentare nkuru y’igihugu yo mu ntara ya Muyinga, igihano co gufungwa imyaka 5 no kuriha ihadabu ry’amafranga 250.000 y’amarundi. Adamu Nimubona akaba yari yashengejwe n’umushikirizamanza wa Republika ku caha co kubika, kudandaza be no kunywa urumogi. Adamu Nimubona akaba yabwiye Sentare ko urwo rumogi yariko ashaka kurujabukana mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Muyinga ikaba yishimikije ingingo ya 507, yo mu gitabo mpanavyaha ca kabiri, mu kumuha ico gihano, nk’uko ayo makuru abandanya avyemeza. Adamu Nimubona akaba yari yahagaritswe mu gatondo ko ku wa 18 Ruheshi ku mutumba Kibongera muri komine Muyinga nyene n’uwujejwe iperereza, afise imifuko 2 be n’indobo vyuzuye urumogi nk’uko amakuru ava mu ntwaro ku mutumba Kibongera avyemeza.
V. Abantu bahoze bakoresha ibiyayuramutwe ngo barakwiriye rero gufashwa, kugira ntibasubire kugwa muri iyo ngeso yugarije na cane cane urwaruka rwo mu bisagara n’iyindi miji yo mu gihugu hagati. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa mbere n’uwurongoye ishirahamwe ry’abantu bahoze banywa ibiyayuramutwe. Eric Nsengiyumva abaserukira avuga ko kubiheba vyoroshe mu gihe icabitumye gitorewe umuti, hashizwe imbere inguvu z’aberwa bose n’ico gikorwa. Eric Nsengiyumva akaba yabishikirije kuri uyu wa mbere mu gihe amakungu ahimbaza umusi wo kugwanya urudandanzwa rw’ibiyayuramutwe.
VI. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu kubera ikena ry’igitoro ryabaye ndanse mu gihugu. Abanyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba Agateka kawe, basaba leta kuva mu gacerere, ikicarana n’abadandaza igitoro bagatorera umuti ikibazo gituma igitoro kibura, kuko bari mu muruho kubera iryo kena ridasanzwe.
VII. Amashure atandatu yigamwo abana b’impunzi mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, ntiyuguruye imiryango yayo kuri uno wa mbere. Ingingo yafashwe n’ishirahamwe Save the Children rifasha mu gisata c’indero muri iyo kambi. Ibihagaritse umutima urunani CBDH-VICAR rugizwe n’abaharanira agateka k’impunzi mu makambi. Vyizigiro Jean Bosco avugira CBDH-VICAR anegura iyo ngingo ifashwe mu gihe abana bari batanguye ibibazo. Ku bwiwe, ngo n’ingingo ije yiyongera kuzindi, igamije gutahukana impunzi ku nguvu.
VIII. Mu makuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye dusozereye; ku munsi wa gatandatu, umurundikazi Signoline Kanyamuneza ni ho yatahukana ikibanza ca kabiri mu nkino za Judo zabereye i Niamey muri Niger. Nayo muri Tennis, Uburundi ni bwo bwatahukanye ikibanza ca mbere mu nkino z’akerere ka gatanu zabereye i Kinshasa. Muri Basketball naho, Uburundi bwatahukanye ikibanza ca kabiri mu nkino z’akarere ka gatanu zabereye muri Tanzaniya. Mu mupira w’amaguru, Uburundi busabwa kudatsindwa na Cameroun, kugira bushobore gushika mu nkino z’igikombe ca Afrika. Ni inyuma yo gutsinda Namibie 3 ku busa ku munsi wa kabiri.