I. Abanywanyi cumi n’umwe bari mu nzego zo hejuru z’umugambwe CNL, muri bo harimwo abashingamateka cumi, barahagaritswe mu mabanga yabo. Ivyo biri mu rwandiko rwasohotse kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruheshi, rwateweko igikumu n’umukuru w’umugambwe Agathon Rwasa. Muri bimwe bagirizwa ngo n’uko batigeze barangura amabanga bari bahawe, ahubwo ngo bifashe nk’akagwi kiyonkoye ku nzego z’umugambwe.
II. Igihano c’umunyororo w’imyaka itanu n’ihadabu ry’imiliyoni zitanu kuri Emilienne Sibomana, nta kindi kigamije atari ugutera ubwoba uwo wese yoba afise umutima wo kwiyamiriza amabi afatiye ku gitsina akorerwa abana. Uko ni ko Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abona urwo rubanza. Abona ko abacamanza ba sentare nkuru y’i Gitega berekanye ko ata mpuhwe na nke bafitiye abanyeshure b’abakobwa bashurashuzwa n’umuyobozi w’ishure Christ Roi ry’i Mushasha i Gitega, ari na vyo Emilienne Sibomana yashize ahabona. Ariko rero Marie Louise Baricako akaba afise icizere y’uko sentare isubiramwo imanza izokosora amakosa yakozwe na sentare nkuru.
III. Urudandaza rwa magendo rurimwo n’ibiyayuramutwe ruribonekeza muri komine n’intara ya Muyinga muri kino gihe. Abajejwe intwaro basaba inzego z’igipolisi guhasha iyo ngeso, ubucamanza na bwo bugahana bwivuye inyuma abagiriwe n’icaha, kuko iyo ngeso isubiza inyuma itunga ry’igihugu.
IV. Indwi zitatu zigire zihere ata gitoro co mu bwoko bwa Essence kiboneka mu ntara ya Makamba. Ivyo vyatumye amafranga y’itike yo kwiyunguruza aduzwa ku rugero runini. Abunguruza abantu bakavuga ko baduza ibiciro, kuko ico gitoro bakironka ku mafranga y’umurengera ku masoko ya magendo.
V. Indwara iterwa n’ukubura urukundo mu bwana n’imwe mu ndwara zituma umubano hagati y’abubakanye utosekara, rimwe na rimwe n’ingo zigasambuka. Ivyo bishikirizwa na Saniel Twagirayezu akorera mu kigo ALUMA kigwanya indwara ya Malaria, akaba yanonosoye ivy’imibano, inyifato na kamere. Ni mu gihe kuri uno munsi wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi, yagiranye ikiganiro n’abamenyeshamakuru abereka ibimenyetso vy’iyo ndwara, n’igikwiye gukorwa iyo umuntu yafashwe. Arongera agasaba abarongoye intwaro hamwe n’abamenyeshamakuru guhimiriza abantu mu kubamenyesha ibitera iyo ndwara, uwafashwe nawe bakamushikiriza ababinonosoye kugira bamukurikirane.