I. Inyinyurana riri hagati mu mugambwe CNDD-FDD aha nini ngo riva ku kagwi gashaka gufata ibibanza haba mu ntwaro, mu rudandazwa, mu gisirikare no mu mugambwe kabanje kwegeza inyuma abahashizwe na Petero Nkurunziza. Ako kagwi ubu ngo gasatiriye Reverien Ndikuriyo ari mu kibanza co kurongora umugambwe, kakamwagiriza y’ukwo adashigikira bigaragara ibikorwa vy’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.
II. Ubutumire bw’ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ububiligi busaba abarundi bo muri ico gihugu kwitaba umubonano ubahuza na Petero Claver Ndayicariye arongoye umugwi CVR, ntibashobora kubwitaba na gato. Basigura ko badashobora kwitaba uwo arongoye umugwi wo kunywanisha abarundi kuko ibikorwa vyawo ari ukuryanisha abarundi. Biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu musi wa gatanu n’uburongozi bw’abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi. Emery Kameya aserukira abarundi baba mu Bubiligi, avuga ko ubwo butumire baburonse mu gihe bari barerekanye amakenga yabo, ku bikorwa bigayitse umugwi CVR uriko urakora mu Burundi.
III. Abategetsi bari bakwiye kuvavanura n’uguta umwikomo ku mukoroni mu gusigura ingorane igihugu kirimwo. Ivyo bivugwa na Gabriel Rufyiri mu gihe Uburundi buca buhimbaza imyaka mirongo itandatu n’umwe iheze bushikiriye intahe yo kwikukira. Gabriel Rufyiri avuga ko Uburundi inyuma y’imyaka mirongo itandatu n’umwe butarikukira mu bijanye n’ubutunzi. Ivyo na vyo bikaba biva ku burongozi bubi bwo kuva Uburundi bushikiriye intahe yo kwikukira. Gabriel Rufyiri akaba yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu.
IV. Imiriyaridi zirenga 900 z’amafranga y’amarundi ni zo leta y’Uburundi yiteze kuzokura mu mfashanyo mvamakungu, nk’ukwo vyashizwe mw’itegeko rigenga amafranga leta izokoresha muri uno mwaka wa 2023 ushira uwa 2024. Mw’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura inyifato, bavuga ko kugira ayo mafranga aboneke ari uko leta y’Uburundi yohindura umukenyuro, ikubahiriza ibijanye n’intwaro ibereye, agateka ka zina muntu n’izindi ngendo ziranga ibihugu vyubakiye ku kubahiriza amategeko. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
V. Abantu batatu baba ku mutumba wa Mukoni muri komine n’intara ya Muyinga barakomeretse cane kuri uno wa gatatu ku mugoroba, mu gihe inzu barimwo yasha igatokombera, hamwe n’ivyarimwo vyose n’amahera atazwi igitigiri. Uyo mucanwa ukaba waturutse ku gitoro cari kibitswe muri iyo nzu, nk’ukwo bimenyeshwa n’umukuru w’umutumba Mukoni Martin Coyitungiye.
VI. Ishirahamwe rishigikira abaharanira agateka ka zina muntu bageramiwe ESDDH rirahagaritswe umutima n’ingingo yafatiwe Emilienne Sibomana yo gupfungwa imyaka itanu n’ihadabu agera ku milioni 5, ingingo yafashwe na sentare nkuru ya Gitega. Emilienne Sibomana akaba yari yashize ahabona amabi afatiye ku gitsina yakorewe abana b’abanyeshure, akozwe n’umuyobozi w’ishure Christ Roi ry’i Mushasha i Gitega, Patiri Laurent Ntakarutimana. Félicien Irimbere avugira ishirahamwe ESDDH, asaba sentare isubiramwo imanza ya Gitega gukosora amakosa yakozwe na sentare y’intara, hagakorwa amatohoza y’ukuri ku wagirijwe icaha.
VII. Amezi atatu ararumanye impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi zitaronkejwe ibifungurwa. Izo mpunzi zivuga ko zitakigira ayo zicira n’ayo zimira. Inkurikizi zikaba zatanguye kwibonekeza, nk’ubusuma, ubushurashuzi n’izindi nyifato mbi zifatiye ku bukene. Izo mpunzi zisaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR, kubaronsa ibifungurwa.