Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/07/2023

Publié le 4 juillet 2023 par Rédaction
I. Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL yarahagaritswe ku borongozi bw’uyo mugambwe na bamwe mu bari bagize inama nkuru ya politike. Abamuhagaritse ni 11, bose bari bahawe ibihano kubera umugambwe wabagiriza kuba barahonyanze amategeko agenga uyo mugambwe. Ikurwa rya Agathon Rwasa rikaba ryacishijwe mu rwandiko abo 11 banditse kuri uyu wa mbere. Umushingamateka Terence Manirambona, ni umwe mu bashizeko umukono kuri urwo rwandiko.
II. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNL Simon Bizimungu abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter amenyesha abanywanyi bose ba CNL, ko batoha agaciro ivyasohowe mw’itangazo ry’abantu bavuga ko bakuye Agathon Rwasa. Uyo munyamabanga akavuga ko ako kagwi karajwe ishinga no kuburabuza ibikorwa vy’umugambwe CNL. Akavuga kandi ko abo bantu ivyo bakoze batabirekuriwe n’amategeko, kuko bose bakuwe mu mabanga bari barimwo.
III. Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi rirasaba umugambwe CNDD-FDD kugarukira inyifato y’urwaruka rw’imbonerakure rwica rugakiza. Vyashikirijwe n’umushingwamanza Ntiburumunsi Jean Claude ajejwe igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe. Yabishikirije inyuma y’ukwo hari imbonerakure zakubise umuntu mu ntara ya Rumonge zimugira ikiruruma, zija kumufungira mw’ibohero rya zone Gatete, aho yahavuye yitabira Imana. Umushingwamanza Ntiburumunsi agasaba ko abakoze iryo bara bohanwa hisunzwe amategeko.

IV. Abasirikare b’Uburundi bo mw’ibataillon ya 65 n’iya 66 barasaba agashahara kabo. Ni mu gihe bamaze amezi icenda bataronswa umushahara wabo bakoreye mu gihugu ca Somaliya. Abo basirikare bamenyesha ko kuva bashitse mu gihugu cabo, batararonswa agashahara kabo. Bagasaba umukuru w’ibiro vya gisirikare, hamwe n’uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu kubaronsa imishahara yabo.

V. Ingingo iherutse gufatwa na leta ibicishije ku bushikiranganji bw’abakozi ba leta mu rwandiko barungikiye umushikiranganji w’amagara y’abantu, kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi, rumushikiriza urutonde rw’abakozi bazoja mu karuhuko k’abageze mu zabukuru, vyakozwe hatisunzwe amategeko. Ivyo bivugwa na Marie Bukuru, icegera c’umukuru w’urunani rw’amashirahamwe akorera mu gisata c’ubuvuzi. Ku bwiwe ngo leta yararenze ku masezerano yagiraniye n’ayo mashirahamwe, kuko bategerezwa kwicarana bakumvikana uko bigenda nk’uko amategeko agenga akazi abivuga.
VI. Abana barenga imiliyoni 3 ni bo bacandazwe indwara y’ubukangwe mw’isekeza riherutse kuba ryo gucandaga abana batarenza imyaka 7. Ni mu gihe hari hitezwe imiliyoni zirenga 2 z’abana. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, mu ruganda rwo gusuzuma ukwo igikorwa cagenze. Muganga Olivier Nijimbere akavuga ariko ko hari abana batacandazwe mw’isekeza riheruka, kuko vyavuye ku bavyeyi babo kubera imico yabo n’amadini basengeramwo.
VII. Uwujejwe intwaro wese ahari mu gihugu azosubira guhirahira agasinyira impapuro umunyamahanga aguze ubutaka bw’Uburundi, azohigwa ahanwe. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Martin Niteretse, muri komine Busiga, intara ya Ngozi, kuri uyu wa mbere. Akabandanya avuga abo banyamahanga na bo nyene ko ugiye iwabo kugurayo ubutaka atari ikintu coroshe.

Ibindi bisa n'ibi