Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/07/2023

Publié le 7 juillet 2023 par Rédaction
I. Imyiteguro yo gusozera ihinganwa ry’umupira w’amaguru bise Nkurunziza Cup rizobera mu ntara ya Makamba kuri uyu wa gatandatu, itariki ya munani uku kwezi nyene, yarahungabanije ibikorwa vyo gusozera umwaka w’ishure muri iyo ntara. Amanota yari gutangwa mu mashure yose, vyategetswe ko azotangwa kw’igenekereko rya 11 uku kwezi, kugira ngo n’abanyeshure bitegure kandi bazokwitabe ibirori vy’iryo higanwa ry’umupira w’amaguru.
II. Ishure mu Burundi ryafashwe bugwati n’ubutegetsi bw’igikenye ata mbono bufise. Bishikirizwa na Jean-Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha. Kubwa Jean-Bosco Rwigemera, iyo n’inyifato isuzuguritse y’ukwamiza mu kanwa izina rya Petero Nkurunziza.
III. Abanyeshure biga mu kigo c’ishirahamwe Save The Children mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, baratakambira ico gihugu n’igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kwugurura amashure afatwa mu mugongo n’ico kigo, yugaye haraheze indwi zibiri. Urwo rwaruka ruvuga ko umwaka w’ishure ugiye kuba impfagusa, mu gihe abandi biga mu bindi bigo baronswa amanota uno musi ku wa gatanu. Abigisha bavuga ko batigeze bamenyeshwa icatumye abategetsi ba Tanzaniya bugara ayo mashure.
IV. Abasirikare b’abarundi bo muri bataillon ya 67 hamwe n’ipeloton zibiri zo mu ya 68 bariko baratahukanwa inyuma y’amezi arenga gatoya indwi, bari bamaze mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Abo basirikare bakidoga kubera batahukanywe baheraniwe amahera yose bakoreye muri Somaliya, abo basirikare bakaba batahukanywe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo ya ONU, isaba kugabanya inteko za ATMIS buke buke bagasubiza ivyo gucungera amahoro n’umutekano inzego za Somaliya.

V. Amashirahamwe cumi n’icenda adaharanira ivyicaro vya politike ariyamiriza ingendo ya leta y’Uburundi, yikumiriye mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ku bijanye n’agateka ka zina muntu, yabereye i Genève mu gihugu c’Ubusuisse, mu ndwi iheze, yitwaje ko yabonye abaserukira ayo mashirahamwe muri iyo nama. Mu rwandiko ayo mashirahamwe yasohoye, avuga ko iyo ngendo igayitse cane kandi iteye isoni kubona igihugu gitinya kuvuga kubera kibonye umuntu azi ibintu bikorwa mu gihugu. Kubwa Me Dieudonné Bashirahishize, umwe mu barongoye ayo mashirahamwe ngo iyo nyifato irerekana ko leta itifuza kunywanisha abarundi. Inyifato nk’iyo ngo si ubwa mbere leta iyerekanye.

VI. Me Dieudonné Bashirahishize avuga ko abahinga mu bintu vy’inyifato bavuga ko iyo umuntu aremerewe ku mutima kubera amakosa, agerageza kwiyeza umutima mu guta amakosa ku wo adakunda, ariko ivyo ntibizana umuti.

Ibindi bisa n'ibi