Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/07/2023

Publié le 10 juillet 2023 par Rédaction
I. Abadandaza b’igitoro ca magendu barenga 10 baramaze bahagaritswe kuva mu ntango z’indwi iheze.  Amakuru dukura mu gipolisi avuga ko abo badandaza igitoro ca magendu bahagaritswe mu ma komine atandukanye y’intara ya Makamba.
II. Amezi cumi ararumanye, umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ari mw’ibohero rikuru rya Muyinga. Ni mu gihe, yahagaritswe kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro umwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kabiri, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Ubu akaba yaciriwe na Sentare nkuru ya Mukaza y’i Bujumbura, imyaka cumi yo gufungwa hamwe n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafranga y’amarundi.  Kubwa Félicien Irimbere ajejwe igisata c’ugutumatumanako amakuru mw’ishirahamwe riharanira agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu bari mu ngorane ESDDH, asaba ubuyobozi bukuru bw’ibohero rya Muyinga kuronsa uburenganzira Floriane Irangabiye nk’abandi banyororo, na cane cane ubwo kwivuza. Arongera agasaba ubutungane bw’Uburundi kurekura Floriane Irangabiye kuko ataco azira, ariko ahorwa ivyiyumviro vyiwe.
III. Nta kindi kiri inyuma y’iburabuzwa ry’abanyeshure bo mu makambi y’impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya, atari ugushaka gutahukana izo mpunzi ku nguvu. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’abaharanira agateka k’impunzi mu makambi, CBDH-VICAR. Abishikirije inyuma y’aho mu makambi ya Nyarugusu na Nduta abanyeshure bakukira ikigo Save The Children bugariwe amashure imbere y’indwi zibiri ngo amashure afunge.
IV. Uwo aharanira agateka k’impunzi, asaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR n’amakungu kugira ico baterereye, kugira ngo igihugu ca Tanzaniya cubahirize amategeko mpuzamakungu agenga impunzi. Léopold Sharangabo.
V. Mu makuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye dusozereye, mu mupira w’amaguru, Vital’O ni yo yatahukanye igikombe citiriwe Petero Nkurunziza itsinze Flambeau du centre, 2 ku busa. Nayo ikibazo c’ikena ry’ibibuga vyakira inkino z’amaboko catanguye gufata iyindi ntumbero. Ejo imigwi ikina basketball, volleyball na handball yahuriye ku kibuga ca Département des sports ku masaha amwe. Inkino za Basket zica zirasiba.

Ibindi bisa n'ibi