I. Imyimenyerezo ya gisirikare imaze hafi amezi abiri ikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure muri zone Bigina mu ntara ya Makamba ahasanzwe haturuka Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, urwo rwaruka rukomokako. Abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba bwinshi cane kuko batazi ico iyo myimenyerezo igamije. Imbere y’ivyo, hakaba habanje kuba rusansuma rw’imigambwe muri iyo komine.
II. Ukutumvikana kuri hagati ya bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa biri mu rukurikirane rw’ibindi bitero, umugambwe uri ku butegetsi udasiba kugira kuri CNL. Nayo abaherutse kumenyesha ko Rwasa atakiri umukuru w’umugambwe nta bubasha babifitiye, kandi basanzwe baranakuwe mu mugambwe kubera inyifato mbi berekanye. Aimé Magera, aserukira uyo mugambwe ku mugabane wa buraya, aremeza ko inzego zatowe mw’ikoraniro zikiri za zindi, gushika hasubiye kuba irindi koraniro. Asaba leta kwubahiriza ubwigenge bw’imigambwe ku rugero rumwe, mu ntumbero yo kwubahiriza intwaro rusangi.
III. Abasirikare bagera ku bihumbi bitatu ni bo bategekanywa kugabanywa gushika mu ntango z’ukwezi kw’icenda mu nteko zose za ATMIS ziri mu gihugu ca Somaliya. Igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu bifise abasirikare muri Somaliya gitegekanywa igabanywa ry’abarenga 500. Bamwe mu basirikare bakaba bamaze kwerekana amakenga bafise kubera bimwe mu birindiro vyahorako inteko z’ubumwe bwa Afrika bizohebwa, bakavuga ko bishobora kwongera inguvu aba El shabab.
IV. Leta y’Uburundi ikwiriye gutunganya inama yihuta n’abo vyega kugira ngo bigire hamwe ikibazo c’igitoro cabaye umuzi w’ibuye mu gihugu cose, ahandi ho ubutunzi bw’igihugu burahasinzikarira. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, bashike kw’iterambere rirama, hari mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Ku bwiwe, inyishu leta itanga ku bijanye n’ibura ry’igitoro ntihagije kuko harimwo agahaze. Ngo ntivyumvikana ingene cobura mu Burundi gusa mu bihugu bibanyi kiboneka.
V. Imbere yo gusozera amakuru, mukirikire agakino k’umuhari Iteka uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, agakino bise « Tunywere mu gakuza ».