Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/07/2023

Publié le 13 juillet 2023 par Rédaction
I. Igitoro kirahari gikwiye mu bubiko bwo muri Tanzaniya, ikibazo gihagaze ku kungene gishika mu Burundi. Ivyo vyemezwa na Gatoni Guilaine, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, mu kiganiro co kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 13 Mukakaro 2023 caremeshejwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye. Amenyesha ko leta iriko iriga ukuntu hobaho ububiko mu Burundi, bushobora kuza burafasha mu kurindira ko ikindi gishikanwa.
II. Nta muntu n’umwe ari inyuma y’indyane zivugwa mu mugambwe CNL wa Agathon Rwasa. Vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira, hari muri ico kiganiro nyene co kuri uyu wa kane. Pierre Nkurikiye, yamenyesheje kandi ko bahagaritse ibikorwa vy’uwo mugambwe kuko banse ko hohava haba ugutana mu mitwe kw’abanywanyi. Petero Nkurikiye ashikirije ivyo, mu gihe mu mugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa bemeza ko izo ndyane ziri mu mugambwe wabo ziriko ziterwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kugira uwusambure.
III. Imyimenyerezo ya gisirikare iriko irakorwa n’urwaruka rw’imbonerakure mu ntara ya Makamba n’ubundi buryo bwo kwanka kazoza k’igihugu, kuko iyo misoresore yabwirizwa kuba iriko irakora akandi kazi. Bisigurwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha rw’abanyapolitike baharanira iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha. Ni mu gihe iyo myimenyerezo ya gisirikare iriko ikorwa muri zone Bigina y’intara ya Makamba, aho Révérien Ndikuriyo aramutswa umugambwe CNDD-FDD asanzwe avuka. Ku bwiwe iyo myimenyerezo yari I,kwiye guhagarara vuba bwango, kuko ata ciza na kimwe izanira igihugu, kiretse ko bikwega akarambaraye mu gihugu.
IV. Umumenyeshamakuru Franck Kaze akaba ari no mu biganye na Clément Nkurunziza yari arongoye ishirahamwe ASSER ryari rihurikiyemwo abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 1995, yagirizwa ko yagize uruhara mu bwicanyi bwabereye muri kaminuza ku Mutanga, asaba Pascal Firmin Ndimira yari arongoye kaminuza y’Uburundi ico gihe, ko yova mu gacerere akagira ico ashikirije kuko ari we wenyene azi ukuri. Ivyo biri mu rwandiko Franck Kaze yandikiye Pascal Firmin Ndimira, aho avuga ko Ndimira azi neza ko Clément Nkurunziza ata ruhara yigeze agira muri ubwo bwicanyi.
V. Imyaka indwi irarumanye neza na neza umupfasoni Hafsa Mossi yahoze ari umushingamateka mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko EALA agandaguwe n’abicanyi, hafi yo ku rugo iwe muri quartier ya Mutanga Nord iri muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura. Kugeza n’ubu nta muco uraboneka kuri urwo rupfu.
VI. Imbere yo gusozera aya makuru, mukurikire agakino k’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka, agakino bise « Tunywere mu gakuza ».

Ibindi bisa n'ibi