Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/07/2023

Publié le 14 juillet 2023 par Rédaction
I. Nta kibazo na kimwe gihari. Uko ni ko ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu buhumuriza ku bijanye n’abigeme barungitswe mu gihugu ca Arabie Saoudite bidogera ukuntu bafashwe nabi. Ku bwa Niyubahwe Inès Sonia, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, ngo amakuru ari ku mbuga ngurukanabumenyi si yo. Ariko rero, mw’ireresi ngufi bashize ahabona haboneka abigeme barundanye ahantu hato cane, bo nyene bavuga ko ari igikoni.
II. N’akamaramaza kubona abana b’Uburundi bagurishwa n’abari bajejwe kubakingira, umuhari w’ibikorwa nkunda gihugu MAP-Burundi Buhire uratera intege abigeme b’abarundikazi batwawe na leta y’Uburundi gukorera muri Arabiya Saoudite. Ivyo bishikirizwa na Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi wa MAP-Burundi Buhire. Arongera akanashimira abo barundikazi, kubona bashize ahabona amabi bariko barakorerwa, ivyo bikazofasha abandi kudasubira guhendwa.
III. Libérat Ntibashirakandi aratera ivyatsi iyo nyifato ya leta, agahamagarira abarundi gukunda igihugu bakarwanya bivuye inyuma iyo nyifato ya leta y’Uburundi.
IV. Umukuru wa zone Matyazo muri komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura, Oscar Nimbona, yagirizwa n’abanyagihugu ko yivanga mu manza z’abahuza bo ku mitumba. Basaba abamukurira gutorera umuti ico kibazo, amazi atararenga inkombe.
V. Ibura ry’igitoro ryatumye ibiciro vy’ibindi bidandazwa biduga, itike yo kwiyunguruza nayo igwizwa incuro zirenga zitatu mu ntara ya Ngozi. Abanyagihugu bavuga ko bashobora kumara indwi zine, ata n’ima rya essence ribonetse. Ivyo ngo bigatera ubukene mu miryango, kuko ivyo biciro biduga kandi ata mikoro bafise, imanza z’imiryango hakaba hari abazihevye.
VI. Abarongoye igihugu ni bahindure umukenyuro, abafise isoko ryo kurangura igitoro hanze y’igihugu baribake, bitari uko zizoba ari izindi nyungu abo bategetsi baharanira. Bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. N’inyuma yahoo Gatoni Guilaine, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yemeje kuri uyu wa kane ko igitoro gihari gikwiye mu bubiko bwo muri Tanzaniya, ikibazo gihagaze ku kungene gishika mu Burundi. Ko leta iriko iriga kandi ukuntu hobaho ububiko mu Burundi bushobora kuza burafasha mu kurindira ko ikindi gishikanwa. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, urwo ni uruhendo kuko n’isoko ry’abubaka ubwo bubiko ntiriratangwa.
VII. Mu gisata c’inkino, ibihugu vyo muri Afrika vyipfuza guhiganirwa igikombe c’isi yose muri Football mu mwaka 2026 vyaraye bishizwe mu migwi y’amahiganwa hakoreshejwe ico bita tirage au sort mu rurimi rw’igifaransa, hari ku wa kane uheze. Vyaraye bibereye mu gisagara ca Abidjan ku murwa mukuru wa Côte d’Ivoire, bihagarariwe n’ishirahamwe rya Football ku mugabane wa Afrika. Hashizweho imigwi 9 izoba igizwe n’ibihugu 6 ku mugwi umwe umwe. Uburundi bukaba bwisanze mu mugwi F, bukazokina na Côte d’Ivoire, Gabon, Kenya, Gambie na Seychelles. Ayo mahiganwa akaba azoba mu myaka hafi 2 kuva muri Munyonyo 2023 gushika muri Gitugutu 2025. Muri iyo migwi 9, igihugu kizoronka amanota menshi ni co kizoba kironse uburenganzira bwo kwitabira ihiganwa rw’igikombe c’isi yose, vyumvikana ko imigwi icenda ariyo izokwitaba iryo higanwa, azobera mu bihugu bitatu Canada, Mexique hamwe na leta zunze ubumwe za Amerika.
VIII. Imbere yo gusozera ano makuru, murakurikirana agakino k’umuhari uharanira agateka ka zina muntu, Ligue Iteka « Tunywere mu gakuza ».

Ibindi bisa n'ibi