Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/07/2023

Publié le 19 juillet 2023 par Rédaction
I. Kwagiriza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ko yahonyoye ku butaka bw’Uburundi, nta nsiguro bifise mu gihe abifitiye uburenganzira nk’abandi banyagihugu bose. Ivyo biri mw’ikete ishirahamwe ry’abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi bandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu gihe buca bitaba ubutumire bw’ibirori vy’ukwibuka ukwikukira kw’Uburundi, bahawe n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu. Ivyo birori bikaba bitegekanijwe kuri uyu wa 22 Mukakaro 2023, mu gihe i Bujumbura uyo musi wahimbajwe kuwa 01 Mukakaro 2023. Emery Kameya, aserukira iryo shirahamwe, atera akamo abategetsi b’Uburundi kwubahiriza ubwigenge bw’abarundi bose, kugira igihugu gitangure kuja ku ntwambwe y’iterambere.
II. Ku bijanye n’itegeko riherutse gushirwako umukono n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ari kumwe n’uw’ikigega ca Leta, risubiramwo ibiciro vyo kuronka impapuro zimwe zimwe zikenerwa n’abanyagihugu mu gipolisi, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko ivyo biciro vyadugijwe cane. Akabona ko iryo duzwa ari ukugira ngo leta izoshobore kuronka amafranga yashize mu nteguro yamahera azokoreshwa, kuko ata yandi mikoro ifise.
III. Ikigega c’ishirahamwe mpuzamakungu FMI caraye cemeje ingingo y’imfashanyo ingana n’imiliyoni 238 y’amadorari mu kiringo c’amezi 38. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo, ngo iyo ngingo ifashwe mu gihe Uburundi bufise ibibazo bitari bike muri politike y’ibijanye n’ivy’ubutunzi. Faustin Ndikumana akavuga ko Uburundi ata yindi saganirizo bufise atari agusaba imfashanyo.
IV. Inzoga y’ubwoko bwa rutuku ikorwa nabi mu Burundi, ata bikoresho vy’isuku, hatisunzwe n’ubumenyi bwo kuyihingura. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Sévérin Sindayikengera, umuyobozi mukuru w’ikigo BBN kijejwe gusuzuma ubuziranenge bw’ibiribwa n’ibinyobwa, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Asaba inzego zose zibijejwe gusigurira abanyagihugu ko boreka kubandanya banywa iyo nzoga. Abagenduzi nabo b’ico kigo BBN bagatembera mu masoko ahadandarizwa iyo nzoga.
V. Hari umwana w ‘umurundi w’imyaka ine aherutse kwankirwa kuja kwivuza mu bindi bitaro vyo hanze y’ikambi ya Nduta iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe amaze indwi zibiri avunitse ukuboko. Abavyeyi b’uwo mwana baridoga bakavuga ko batumva na gato ingene umwana wabo aremvye, hanyuma abarongoye ikambi bakanka ko aja kuvurirwa hanze kandi ari uburenganzira bwiwe. Bavuga ko ari itotezwa babandanya gukorerwa kugira bemere gutahuka ku nguvu.
VI. Urunani CBDH-VICAR rwishinze guharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi, ruriyamiriza iyo ngendo y’abatwara iyo kambi y’i Nduta, ruvuga ko ari ingendo ibabaje kandi iteye isoni. Rusaba ishirahamwe HCR kugira ico ikoze kugira ngo agateka k’uwo mwana, eka n’ak’impunzi muri rusangi kubahirizwe. Jean Bosco Vyizigiro avugira urunani CBDH-VICAR.
VII. Imbere yo gusozera aya makuru, mukurikire agakino k’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka, agakino « Tunywere mu gakuza ».

Ibindi bisa n'ibi