Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/07/2023

Publié le 20 juillet 2023 par Rédaction
I. Abarimyi bo mu ntara ya Makamba baridoga ko batararonswa ifumbire yo gukoresha mu mirima yo mu myonga, kandi bararishe amafranga. Bamwe muri bo bamenyesha ko bama bahahombeye amahera yabo, mu nyuma bakagurira iyo fumbire abadandaza ku giciro c’umurengera.
II. Amakenga ni menshi mu banyagihugu bo mu ntara ya Muyinga. Ni mu gihe ibitekezo vy’amacupa atameneka akoreshwa rimwe gusa, bisanzwe vyarabujijwe kuba bigikoreshwa ubugira kabiri, n’ikigo c’igihugu BBN kijejwe kugenzura ko ibidandazwa bikorerwa mu gihugu canke vyinjira ata kanenge bifise, ariko ivyo bitekezo bikaguma vyibonekeza ku bwinshi mu masoko atandukanye y’intara ya Muyinga. Abo banyagihugu bakavuga ko ibiribwa nk’amavuta yo gukinjika, ubuki n’ibindi biri muri ayo macupa bishobora kubatera indwara muri kazoza na burya n’ikigo c’igihugu BBN cavyihanije, ariko bikaguma bikoreshwa abajejwe intwaro n’umutekano barorera. Abo banyagihugu bagasaba inzego zo mu ntwaro n’iz’umutekano gukura amaboko mu mpuzu, bakagwanya ivyo bitekezo biteye amakenga.
III. Leta y’Uburundi yari ikwiye kubanza kuvugana n’ishirahamwe ryishinze guharanira inyungu ry’abaguzi ABUCO imbere yo kuduza ibiciro. Bishikirizwa na Pierre Nduwayo arongoye ishirahamwe ABUCO. Ni mu gihe Leta iherutse kuduza ibiciro vy’impapuro zitangwa n’igipolisi c’inyamiramabi co kimwe n’ibindi biciro nk’ivyo gutumatumanako. Amajwi ya Petero Nduwayo arongoye ABUCO tukaba tuyakesha bagenzi bacu bo kuri Radiyo Isanganiro.
IV. Izindi mvugo zivuguruzanya mu butegetsi. N’iy’umukenyezi w’umukuru w’igihugu be n’iy’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, ku bijanye n’abigeme n’abakenyezi barungikwa muri Arabie Saoudite. Angéline Ndayishimiye avuga ko atewe impungenge n’uburyo bubi abo bigeme bashikiramwo, agasaba kugenza buhoro bakamenya iyo bagiye uko hifashe imbere yo kuja yo. Ivyo yabisavye ku musi wa kabiri atahutse avuye i Kigali, aho yari yatumiwe mu nama. Ariko ku ruhande rwiwe, Inès Sonia Niyubahwe, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji we yamenyesheje ko abo bigeme ata kibazo na kimwe bafise. Hari ku musi wa gatanu w’indwi iheze, inyuma y’aho ireresi yahanahanywe ku buhinga ngurukanabumenyi yerekanye abigeme bariko bidogera uburyo bakiriwe bageze muri ico gihugu.
V. Umugwi ndangakaranga w’Uburundi Intwari ukorera mu gihugu c’Urwanda, uriko uritegurira igiteramo wise Heart of Africa. Ico giteramo kikaba gitegekanijwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Mukakaro 2023. Omer Nzoyisaba yatunganije ico giteramo amenyesha ko gifise intumbero yo guha agaciro ubutunzi kama bwa Afrika, na cane cane ubw’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda bisanzwe bihuriye kuri vyinshi.
VI. Imbere yo gusozera, aya makuru mukurikire agakino k’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka, agakino bise « Tunywere mu gakuza ».

Ibindi bisa n'ibi