Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/07/2023

Publié le 28 juillet 2023 par Rédaction
I. Hari abigisha babiri bo kw’ishure rya lycée sainte famille riri mu gisagara ca Ngozi kuva kuri uwu wa kane babarizwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu gisagara ca Ngozi. Bikavugwa ko mu mpera z’umwaka w’ishure uheze, boba batanze ku banyeshure bamwe bamwe amanuta muri vya bibazo bikorwa n’abasubiramwo repêchage mu gifaransa, babanje kubapfumbatisha. Mu burongozi bw’indero muri komine ya Ngozi bakaba ata co bashima kubivugako.
II. Mu ntara ya Kayanza, ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, sentare nkuru y’igihugu ishashe mu rubanza rw’ikibiriraho, yaraciriye abagabo 7 igihano c’ugupfungwa imyaka 5 n’ukuriha ihadabu ry’amafranga 250.000 umwe umwe. Amafranga angana hafi umuliyoni na yo bafatanywe akazoca ashirwa mu kigega ca leta. Abo bagabo bava muri komine ya Ngozi na Muhanga yo mu ntara ya Kayanza bakaba bagiriwe n’icaha c’ugushaka kugira urudandaza rw’abantu. Ivyo na vyo bikaba vyabaye ku musi w’Imana uheze aho bari begeranije abantu 43 higanjemwo abana b’imyaka iri hagati ya 12 na 17, benshi b’abanyeshure, bagire babajane kubakoresha ubuzi mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, ariko bigahera bafashwe n’igipolisi muri komine Muhanga. Abo bagabo bari begeranije abo bana na bo nyene bava muri ayo ma komine abiri bakaba bariyemereye icaha c’ukugomba kugira urudandaza rw’abantu. Ngo bikaba rero vyari bitegekanijwe ko iyo babashikanayo bokoze ubuzi bw’ukurima n’ukuragira inka, amafranga bahembwe bakaza barayagabura n’abo bagabo bagire babajane.
III. Abantu babiri bavukana bo mu ntara ya Cankuzo bamaze hafi indwi zibiri bari mu munyororo mu Cankuzo bivuye kw’itegeko rya buramatari w’intara ya Cankuzo Banyiyezako Boniface. Intandaro ya vyose akaba ari itongo ashaka kunyaga uyo muryango.
IV. Ingenzi zifata ingendo zitandukanye ziva ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga zija mu zindi ntara ziridogera abashoferi bazunguruza ko babaka amahera menshi, birengagije ibiciro biherutse gushingwa na leta haraciye imisi 4. Izo ngenzi zikaba zirihishwa incuro zibiri zirenga ku ngendo zose zifata zija mu zindi ntara. Ingenzi zigasaba abajejwe intwaro, abajejwe igipolisi kuraba uruja n’uruza, kutazitererana izo ngorane, ngo nyabuna bagenzure uko ibiciro vyo kwiyunguruza biriko birakora ibara.
V. Kuri uyu wa kane, abashingamateka 21 bo mu mugambwe CNL baramenyesheje ko bashigikiye Agathon Rwasa nk’umukuru w’umugambwe wabo. Aho hari mu mw’itangazo bashize ahabona kuri uyu wa kane inyuma y’ikiganiro bayahe abamenyeshamakuru. Umushingamateka Pamphile Malayika umwe muri abo bashingamateka, akaba yamenyesheje ko bashigikiye Honorable Agathon Rwasa, kandi agasaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere n’umutekano kureka ibikorwa vy’uwo mugambwe CNL bigasubira gukora ku mugaragaro. Mukamenya ko iryo tangazo ryashizwe ahabona inyuma y’uko hari abashingamateka 11 bari banditse ikete, bamenyesha ko bakuye ku mugaragaro umushingamateka Agathon Rwasa ku buyobozi bw’umugambwe CNL.
VI. Abarundi ntibosamazwa n’ibikorwa vy’inama nkenguzamateka y’Uburundi, bijanye n’isekeza ry’ibikorwa ryo guheza ishirwa mu ngiro ry’iringanishwa ry’ibitigiri bifatiye ku bwoko, haba mu nzego z’inama nkenguzamateka canke mu zindi nzego. Ivyo bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha, ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta. Ni mu gihe urwo runani rwashize ahabona urwandiko rwerekana inkomoko ry’indyane zari mu Burundi ko zari zifatiye kuri politike n’ubwoko, ni n’aho hafatwa ingingo ziri mu masezerano y’i Arusha zerekana ko ubutegetsi bushasha bwo kwisunga ibwirizwa nshingiro, aho bemeza ibice mirongo itanu kw’ijana mu ntumbero yo kuringaniza ubutegetsi. Frederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko leta ya CNDD-FDD iriko ishaka kuzimanganya ivyavuye mu masezerano y’i Arusha.

VII. Frederiko Bamvuginyumvira asaba abarundi kutarazwa ishingwa n’ivyo bitigiri, ahubwo baharanire ubutegetsi bushingiye ku masezerano y’i Arusha.

VIII. Leta y’Uburundi isabwa kurarika n’ukwigisha abanyagihugu ibijanye n’uguhurumbira amashirahamwe akingira impanuka kugira bikingire, bakingire imiryango yabo n’ivyo batunze ku mpanuka. Akamo gaterwa n’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura inyifato PARCEM muri ino ndwi yahariwe gukinga impanuka mu Burundi. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM mu gihugu cose, asaba ishirahamwe ARCA rijejwe kugenzura ibikorwa rvy’amashirahamwe yo gukinga impanuka, ko ryoronswa uburenganzira buhagije kugira rishobore gutunganya neza ico gisata, maze abagana ayo mashirahamwe ntibahahombere.

Ibindi bisa n'ibi