Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/08/2023

Publié le 1 août 2023 par Rédaction
I. Ikumirwa mu kazi rifatiye ku bwoko riracariho mu Burundi, ari na co gituma ibitigiri vy’ibibanza bitangwa mu buzi bifatiye ku bwoko hataragera ko vyofutwa. Ivyo bivugwa na Olivier Nkurunziza arongoye umugambwe UPRONA. Ni mu gihe kuri uyu wa mbere, inama nkenguzamateka yatanguje igikorwa co kurabira hamwe ko gushira mu mategeko ibitigiri vyo gutanga ubuzi hisunzwe ubwoko bigikenewe, canke vyofutwa. Olivier Nkurunziza avuga ko ivyo bitigiri bisa n’ivyafuswe, kuko amabanga nka yose yo mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu yiharijwemwo ubwoko bw’abahutu gusa. Ivyo na vyo bishobora kuzotuma hashobora kwaduka izindi ndyane nk’izahitiye mu gihugu.
II. Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL avuga ko hataragera ko ivyo bitigiri bifutwa, kuko hacibonekeza ikumirwa rifatiye ku bwoko. Agathon Rwasa akavuga ko ivyo bitigiri vyo gutanga ubuzi hisunzwe ubwoko vyavuye mu masezerano y’i Arusha, kandi hari ico vyafashije mu kunywanisha abarundi.
III. Igikorwa catangujwe n’inama nkenguzamateka ku musi w’ejo mu ntumbero yo kuraba ko ibitigiri vy’amoko biri mu nzego zitandukanye vyogumaho canke vyokurwaho, ngo si co gikorwa cihutirwa muri kino gihe mu Burundi, nk’uko umuhari w’ibikorwa nkundagihugu MAP Burundi Buhire ubibona. Uwo muhari uvuga ko nyabuna icihuta uno musi, ari ugutorera inyishu ibibazo bihanze abarundi. Ivyo bibazo na vyo ngo ni cane cane ivyerekeye ubukene buzura inzara, umutekano muke mu gihugu, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ikibazo c’impunzi n’abanyororo bafungiwe ubusa. Umuhari MAP Burundi Buhire ubona ko ivyo bibazo vyose bishobora gutorerwa umuti hamwe amasezerano y’amahoro y’i Arusha yonagurwa akubahirizwa. Libérat Ntibashirakandi, avugira uwo muhari.
IV. Ishirahamwe Brarudi rihingura ibinyobwa mu Burundi ryadugije ibiciro ry’ibinyobwa kuva kuri iri genekerezo rya 1 Myandagaro 2023. Icupa rya Primus nini ya cl 72 igiye kugurwa amafranga 2200 vy’amarundi, Amstel nini ifise cl 65 izogurwa amahera 3000 vy’amarundi, Amstel ntoya igurwe amafranga 2600, Amstel bock ya cl 33 nayo igurwe amahera 2600, Amstel Royal nayo izogurwa amafranga 3100 vy’amarundi. Ishirahamwe Brarudi rikaba rimenyesha ko imvo y’iduzwa ry’ivyo biciro ryaturutse kw’iduga ry’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa bakoresha mu kwenga inzoga. Iryo duzwa ry’ibiciro vy’ibinyobwa rero rije rikurikira irindi ry’ibintu vya nkenerwa nk’isukari, isima n’igitoro.
V. Iduzwa ry’ibiciro ry’ibinyobwa vy’ishirahamwe Brarudi ryafashwe gihutihuti, bataravye ubuzima bw’abanyagihugu uko bwifashe muri kino gihe. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’abanyagihugu baganiriye kuri micro na radiyo Inzamba Agateka kawe. Bagasaba nyabuna leta kugabanya amakori y’umurengera iriko irasaba abadandaza.
VI. Amakenga ni menshi ku mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Nyarugusu iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe atawemerewe kudandaza n’utuntu duto duto, yaba irengarenga canke ibindi, kuko abasungusungu b’abarundi baca babisanzaza. Amakuru dukura muri iyo kambi amenyesha ko ubu ata mupolisi w’umutanzaniya akijuragiza izo mpunzi, ahubwo ico gikorwa bagishinze benewabo b’abarundi, aho uwurongoye iyo kambi yemereye abo basungusungu kuzobaronsa ubuhungiro bwa gatatu, ni babandanya baburagiza izo mpunzi z’abarundi gushika basubiye iwabo.

Ibindi bisa n'ibi