Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/08/2023

Publié le 3 août 2023 par Rédaction
I. Hari umugabo yarazwi kw’izina rya Yohani Ntamakiriro w’imyaka irenga 60 wo ku mutumba Mutana, komine Muruta n’intara ya Kayanza yaraye yiyahuye mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa kane. Amakuru ava kuri uwo mutumba, amenyesha ko icatumye uwo mugabo yiyahura kitaramenyekana ariko bigakekwa ko intandaro yoba ari amatati yo mu muryango. Ngo yari afise abagore babiri, mutoya yaba mu ntara ya Cibitoke, mu gihe mukuru ari we aha nini babana ariko bakaba bari baratandukaniye mu nzu. Igipolisi muri iyo komine ya Muruta kikaba catanguye amatohoza kugira ivy’urwo rupfu bishobore kumenyekana. Mukamenya ko uwo mugabo yari yaravyaye abana umunani ku mugore umwe umwe wese.
II. Abigeme batwawe mu bihugu vy’abarabu gukora ubuzi bwo mu nzu barabandanya gutabaza ko bafashwe nabi iyo bajanywe. Aho bashikizwa bamenyesha ko babarundanya hamwe, ntibaronswe ivya nkenerwa harimwo kuryama no gufungura. Amakenga akaba ari yose no mu bigeme basanzwe begeranirijwe hamwe mu gisagara ca Bujumbura bategurwa, kugira na bo bazosangeyo abandi. Bagatako bakagirwako n’iterabwoba ko uwugahevye azoshikira mu Mpimba. Bakidogera leta ko itabakurikirana.
III. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye ahaye iminsi itatu, abantu bose harimwo n’abari mu nzego bihaye ibibanza vyo gucururizamwo, ariko atari bo babikoreramwo kubisubiza. Kuko ngo ivyo bituma bishura amakori ya leta, bakongera bakishura na ba nyene ibibanza bacururizamwo. Evariste Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko agiye guhagurukira uwo wese aja hagati y’abacuruza, na ba nyene ibibanza.
IV. Mu ntara ya Makamba, abadandaza bariyamiriza uruhigi bariko barakorerwa n’inzego z’ubutungane n’igipolisi. Imanza z’ikibiriraho zikaba zimaze imisi ari urutavanako, aho mbere bakwa ibiturire vy’umurengera na bamwe mu bari muri izo nzego.
V. Amacakubiri ashimikiye ku bwoko aracariho n’aho abarundi batavyerekana canke ngo babivugire ahabona. Ivyo bishikirizwa n’umukenyezi w’umutwakazi Imelde Sabushimike, asanzwe ari n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu. Ni mu gihe inama nshingamateka iriko igira isekeza ryo kwumviriza abanyagihugu, mu kumenya ko ibijanye no kuraba amoko vyobandanya vyisungwa mu nzego zimwe zimwe zigize igihugu. Sabushimike Imelde asaba ahubwo ko ibwirizwa nshingiro ryosubirwamwo, ubwoko bw’abatwa nabwo nyene bushirwemwo mu kuronswa ibibanza mu nzego.
VI. No mu runani rw’intungane RCP niko babibona, bavuga ko inama nkenguzamateka ije guhezagira ibisanzwe bihari mu gihugu, kuko ubu inzego zo hejuru ziharijwe n’ubwoko bumwe. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye RCP abona ko ikumira mu Burundi ritari agaseseshwarumuri.
VII. Umuyobozi w’ishure shingiro rya Sigu muri komine Busoni, intara ya Kirundo, aradomwako urutoke n’abarimu hamwe n’abavyeyi barereye kuri iryo shure kuba yaranyuruje ibikoresho vy’ishure, harimwo n’amabati, araheza arabigurisha. Bagasaba ubutungane gutangura amatohoza, icaha kimwagiriye abihanirwe.

Ibindi bisa n'ibi