Mu misi 30 uhereye ku musi wa kabiri ni ho generale Alain Guillaume Bunyoni n’abo basangiye urubanza bazomenya ibihano bazofatirwa. Ivyo vyatangajwe n’uwurongoye sentare ntahinyuzwa ku musi wa kabiri, aho yariko asozera urubanza rw’abo bantu bane rwari rumaze imisi ibiri. Ariko rero ibihano basabiwe bikaba bitahindutse ku vyari vyafashwe mu rubanza rwa mbere, kuko uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yasabiwe umunyororo w’ubuzima bwi we bwose, abandi na bo imyaka 15. Ariko bose bakaba basavye kurekurwa kubera kuri bo ibirego babashira ko ari irementanya gusa.
Ubwinshi bw’abanyororo, isuku rike rirangwa mu mabohero, ni bimwe mu bibangamiye amagara y’abanyororo mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Biri mw’itangazo ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu ACAT BURUNDI ryasohoye kw’igenekerezo rya 30 rusama uno mwaka. Anitha Gateretse ajejwe gutunganya ibikorwa mur’iryo shirahamwe, avuga ko isuku ryo mu bwiherero no mu bwogero mu mabohero na cane cane ibohero rya Mpimba rikenewe cane mu kurinda ingwara zifatira kw’isuku rike kandi zandukira ningoga.
Abasirikare babarundi batari bake barafashwe bagirwa imbohe n’umuhari M23 muri uku kwezi kwa gatanu turimwo mu ntambara zibera mu buraruka bwa Republika iharanira Deamokrasi ya Kongo. Ikinyamakuru MAMA URWAGASABO TV carashitse aho bafungiwe, benshi bavuga ko barungitswe kugwanya uwo muhari atavyo babwiwe imbere y’igihe. Bakaba bizigiyeko mu misi iri imbere hazokorwa ibishoboka kugira basubire mu miryango yabo.
Kuva ku munsi wa kane mu gisagara ca Bujumbura birabujijwe kugumiza imodoka n’amapikipiki ku ma stasiyo zirindiriye igitoro. Ivyo vyashikirijwe n’igipolisi c’Uburundi. Colonel Nduwimana Désiré, umuvugizi w’igipolisi asigura ko ari ku mpamvu zo gucungera umutekano. Akanagabisha uwo wese azotwara imodoka idafise igitoro gikwiye, ngo kuko iyo izimiye mw’ibarabara bitera uruhagarara. Avuga ko ivyo bicafuza ishusho ry’igihugu. Kurikira.
Mw’ishirahamwe OLUCOMe babonako iyo yafashwe n’igipolisi atariwo muti na gato ahubwo leta ngo yategerezwa gutunganya neza ibijanye n’igitoro mukukigwiza kugira ngo iyo mirongo ntisubire kuboneka ku ma stasiyo atandukanye. Jean Nduwimana umuvugizi w’ishirahamwe olucome asigura ko kugira ivyo bishoboke aruko leta ironka amafaranga yagaciro akwiye kugira igitoro kirangurwe.
Amashirahamwe 19 aharanira agateka ka zina muntu asaba Leta ya Tanzaniya guhagarika umugambi wo gushaka gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi utegekanijwe muri kigarama uno mwaka. Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye kw’igenekerezo rya 28 Rusama, asaba amakungu n’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko kugondoza leta ya Tanzaniya kugira ihagarike iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko agenga impunzi. Tega amatwi Leopord sharangabo akaba yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe yateye umukono kuri urwo rwandiko.