Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 04 Myandagaro 2024

Publié le 4 août 2024 par Rédaction

 

Ndabahaye mwiriwe bakunzi mwese ba radio inzamba agateka kawe, sangw’ikaze muri ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera. Turi ku munsi w’imana igenekerezo rya 04 Myandagaro umwaka w’2024. Ano makuru mukaba mugira muyashikirizwe na Bonfils Niyongere, ndabahaye ikaze.

Ano makuru yazanze ino ndwi tuyahere muyavugwa muri politike,

Kwubaka Uburundi butekanye, gutsimbataza ubumwe, kunagura intwaro rusangi no kugarukira ubutunzi bw’igihugu bugeze aho umwansi ashaka, niyo ntumbero urunani rwa politike Mbogoraburundi CRN Ingeri ya Rugamba rwishinze gushira mu ngiro. Abarugize bavugako barushinze kugirango bagarukire igihugu uno munsi kirangwa n’amacakubiri n’ugukumirana, hamwe n’itunganywa ry’igihugu ribi ryatumye ibisata nka vyose vy’igihugu biyangara. Dutegamatwi Chauvineau Mugwengezo, n’umuvugizi w’urwo runani.

Urwo runani mbogoraburundi CRN Ingeri ya Rugamba ruvugako muri bikuru biikuru rugiye gushirimbere harimwo gusubiz’iteka zina murundi wese, gusubiz’iteka ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko arikomokako, hamwe rero no gushiraho politike itomoye ijanye no kunagura ubutunzi bw’igihugu. Dusubire twumvirize Chauvineau Mugwengezo.

 

Ino ndwi turiko turasozera yaranzwe kandi n’indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kaba abasaba kuzana imitahe yabo n’ubumenyi ngo bubake igihugu. Ivyo yabishikirije ku munsi wa gatatu igihe yariko atanguza iyo ndwi yahariwe abarundi baba hanze mu ntara ya Kayanza. Umukuru w’igihugu akaba yabasavye kutigira ba sindabibazwa ngo kubera Uburundi ari igihugu gikenye kandi bafise ico boterera. Tega amatwi umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye.

 

Abagwizatunga ntibakora mu mutekano kandi bisanzuye bikwiye mu gihugu, ninavyo bituma Abarundi baba mu mahanga batazana imitahe yabo mu gihugu. Ivyo bivugwa na Pacifique Ndayisaba aserukira abarundi baba muri Australiya. Asigurako igihe cose leta izoshiraho amategeko yorohereza abagwizatunga, nabo barundi baba mu mahanga bazokwizana batabanje gutegwa akamo n’umukuru w’igihugu canke leta. Dutegamatwi Pacifique Ndayisaba.

 

Mu gisata c’ubutungane,

Imyaka 9 yarirumanye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 02 Myandagaro, lieutenant général Adolphe Nshimirimana agandaguwe mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho. Inyuma y’igandagurwa ry’uwo yahoze arongoye iperereza ry’Uburundi, abasirikare 7, bose bahoze mu gisirikare ca kera (ex-FAB), baciye bahagarikwa. Kuva bahagaritswe, urubanza n’ipfungwa vyabo vyaranzwemwo ihonyangwa ry’amategeko atari make nk’uko vyemezwa n’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, aravuga ibijanye n’ukuburana badafise ababunganira hamwe n’igihe urubanza rumaze rutaracika. Agasaba ubutungane kwikubita agashi, bukubahiriza kiremwa muntu. Kurikira.

Mu gisata c’ubutunzi,

Imbere yo kumenya ko ahantu hari ubutare bikenera vyinshi, utanguriye ku vyigwa vyimbitse vy’aho hakekwa kuba hari ubwo butare. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM, inyuma y’aho umukuru w’igihugu atangarije ko hari ikinogo kiri mwo ubutare i Busoni mu Kirundo. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe, akavuga ko kugira ubutare bugire ico bumarira igihugu, ar’uko ibisata bibujejwe bikora neza ico vyagenewe. Kurikira Faustin Ndikumana.

Pieds : Faustin Ndikumana akaba asigura kandi ko mu bindi bikomeye bikenewe harimwo kugira abahinga banonosoye ivy’ubutare, hama igihugu kigahingura ubutare bwaco kugira kihungukire. Ariko rero ngw’ivyo vyose kugira bishoboke, nuko reta yobanza ikisuzuma, ikaraba ivyatumye ivyakozwe ubwa mbere bitagenda neza.

 

Ni kurayo makuru avugwa mu gisata c’ubutunzi duciye dusozerera amakuru yaranze ino ndwi twariko turabashikiriza, Bonfils Niyongere mwarikumwe, ndabipfurije kuroranirwa aho muherereye hose, nagahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi