- Abasirikare b’abarundi bari mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko, baratabarizwa na bagenzi babo kari kumwe ba Kongo ko bamaze ukwezi bataronswa umukate n’amazi yo kunywa bari basanzwe bandikiwe. Ikitavuzwe ni agashirukabute k’amadolari 50 baheruka gukubita ijisho mu kwezi kwa kabiri. Abo baratabariza , bavuga ko abatware b’abarundi banyuruza ivyo bagenewe ngo bagaca babaka amaterefone ntibashobore no kwitabariza.
- Kuri ico kibazo c’abasirikare babarundi barungikwa muri Kongo ngo biva ku gukorana hagati y’ubutegetsi bwa CNDD-FDD n’umuhari FDLR mu ntambara barimwo mu buseruko bwa Congo vyateguwe kuva kera . Ukwo gukorana ngo gushingiye ku kwanka abatutsi hamwe no ku nyungu z’amafaranga. Bivugwa na Athanase Karayenga, umumenyeshamakuru akurikiranira hafi ibijanye na politike. Amenyesha ko yagize amatohoza aramenya ko umugambwe CNDD-FDD na FDLR yakoreye ihonyabwoko Abatutsi mu Rwanda , bagiriraniye amasezerano yo gukorana mu kinyegero kuva CNDD-FDD imaze umwaka umwe ku butegetsi mu Burundi .
- Mu vyerekeye plolitike itotezwa no kuburagizwa kw’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri kubutegesti ngo ntibikwiye guca intenge abarundi kugirango bibabuze kuzokwitabe amatora yimirije yo mumwaka 2025. Ivyo bivugwa na Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU Iragi rya Ndadaye , ahamagarira ahubwo abarundi bifuza ko ibintu bihinduka mugihugu bakava mukaga bashizwemwo n’ubutegetsi bwa CNDD FDD , kwitabira ayo matora ku bwinshi.
- Nayo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike 19 ariyamiriza integuro y’itegeko riha ububasha bwo guca imanza z’amatongo umugwi CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi . Iyo nteguro y’itegeko iherutse kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka . Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye , yerekanako bitumvikana ingene ubwo bubasha bwohabwa umurwi CVR kandi warananiwe igikorwa co kunywanisha abarundi. Ayo mashirahamwe abona ahubwo ko uwo murwi wamye werekanako ari igikoresho c’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD , kandi atakindi ukora atari kubiba urwanko n’amacakubiri mu barundi. Asaba umukuru w’igihugu gutemeza iryo tegeko , nayo ahandiho ngo nivyahuha vyoca bihuhuka.
- Tubandanije nano makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera , umumenyeshamakuru Pascal Ntakirutimana arongoye igisata kijejwe ivya politike mukinyamakuru IWACU kuwagatatu w’iyi ndwi igihe c’isaha imwe z’ijoro yarahatswe kunyuruzwa n’abapolisi babiri bari mumudoka yo mubwoko bwa pick up yari ifise ibiyo bitabona mugisagara ca Bujumbura kw’ibarabara ryitiriwe abasirikare, Avenue des Forces Armées aho bita kurya Kanyoni muri zone ya Cibitoke muri komine Ntahangwa. Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ rugatera ivyasti inyifato yabo bapolisi bashatse kunyuruza uwo umumenyeshamakuru Pascal Ntakirutimana. Alexandre Niyungeko arongoye urwo runani rw’abamenyeshamakuru UBJ avuga ko biteye isoni n’agahinda kubona abari bajejwe gukingira umutekano abanyagihugu n’abamenyeshamakuru barimjwo , aribo bawuhungabanya.
- Mu gusozera ano makuru , imyidogo ni myinshi mu banywanyi b’ishirahamwe rivuza abakozi ba Leta « mutuelle de la fonction publique » mu kinyamazuru. Abo banywanyi bavuga ko iyo bagiye kugura imiti mu ma pharmacies babwirwa ko ata miti ihari canke ko imiti barondera itari kuri mutuelle. Aho bigeze babonako batosubira gukatwa amafaranga ajanwa muri mutuelle, bakaja mu yandi mashirahamwe avuza abanyagihugu.