Turi ku musi w’Imana igenekerezo rya 10 munyonyo umwaka w’2024, ikaze rero kuri mwese mur’ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi, uwugira ayabashikirize akaba ari jewe nyene Audace Nimbona
Ndasubiye kubaha ikaze. Ugutegura nabi amatora yimirije vyatumye haba ihonyangwa ry’agateka k’abanyagihugu. Ivyo bishikirizwa na Lyse Baricako umwe mubanywanyi b’umuhari Inamahoro umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo muhari inyuma y’igikorwa co kwiyandikisha mu matora yo mu mwaka uza. Lyse Baricako atanga akarorero kuri za karangamuntu zahawe abana batarakwiza imyaka ngo bazoje mu matora. Eka ngo n’abanyagihugu bahimirijwe kwiyandikisha ku nguvu. Kurikire
Lyse Baricako avuga ko ihonyangwa ry’amategeko agenga amatora ryabaye ikibazo gikomeye cane mu Burundi agahamagarira nyabuna abategetsi barongoye igihugu kucicarira bagashira imbere inyungu z’abanyagihugu kugira ngo bagarukane icizere .N’ubu nyene tumukurikire,
Abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba basaba ko hojaho umugwi ukora amatohoza ku makosa umugwi udasanzwe ujejwe gutunganya ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo CNTB na sentare idasanzwe iwukomokako kugira ngo abanyazwe utwabo hadakurikijwe amategeko badusubizwe. Ivyo babisaba inyuma y’aho umwonga wa reta warimirwa mwo n’abanyagihugu barenga imiryango 200 ushikiririjwe umunyagihugu atanigeze ahunga. Umugwi uvuye mu bushikiranganji bujejwe uburimyi ukaba wahavuye uza kur’uyu wa kane kwerekana ko uwo mwonga ari uwa reta. Inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe.
Urakoze Eddy Claude Nininahazwe. Imyidogo ni myinshi mu bakozi bo kubitaro vy’igihofi mu ntara ya Rutana. Bagiriza uwahoze ari umuyobozi w’ivyo bitaro Claver Ndayikengurukiye isesagurwa n’inyonorwa ry’ubutunzi bw’ivyo bitaro. Basaba ubushikiranganji bw ‘ amagara y’abantu gukurikiranira hafi ico kibazo. Ni inkuru ya Alexandrine Keza
Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagugwa ry’amatungo ya leta , riratewe umutima uhagaze n’ikena ry’igitoro ribandanya ryimonogoza hirya no hino mu gihugu. Iryo shirahamwe ribona ko ivy’igitoro leta vyayitaye ku wamazi, rigasaba iyo leta kwemera kuja hamwe n’abahinga muri ico gisata , n’abandi basanzwe bakorana mu vyerekeye iterambere, kugira ngo ikibazo c’igitoro gishobore gutorerwa inyishu irama. Twumvirize Jean Nduwimana umuvugizi w’ishirahamwe OLUCOME.
Imbere yo gusozera amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, tuje mu gisata c’indero. Ni agakuru keza ku bigisha bashasha batari bwaronke agashahara kabo kuko bagiye kukaronswa muri iyi misi ya vuba. Umushikiranganji ajejwe indero Francois Havyarimana ni we yabimenyesheje ku wa gatatu w’iyi ndwi turiko turasozera ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega , inyuma y’inama yatunganije hamwe na mugenzi we ajejwe akazi Venuste Muyabaga. Iyo nama yari yatumiwe mwo abayobozi bajejwe indero n’abajejwe akazi mu ntara. Umushikiranganji Havyarimana yamenyesheje kandi ko ubushikiranganji arongoye, ko mur’iyi misi ya vuba , bugiye gutanga akazi ku bandi bigisha bashasha . Tumutegamatwi.
Ni kur’iyo nkuru dusozereye amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, Audace Nimbona nayabashikirije, nkaba ndabifurije kuroranirwa mu banyu no mu vyanye, nahubutaha.