Amakuru

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 14 Mukakaro 2024

Publié le 14 juillet 2024 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe bakunzi mwese ba radio inzamba agateka kawe, sangw’ikaze muri ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera. Turi ku munsi w’imana igenekerezo rya 14 Mukakaro umwaka w’2024. Ndabahaye ikaze.

 

Ano makuru yazanze ino ndwi tuyahere muyavugwa mu bijanye na politike,

Ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Bujumbura haratowe mu gatondo ku munsi wa kane impapuro zitagira umukono zisaba umukuru w’igihugu gutanga imihoho ngo kuko igihugu kigeze ahatemba mu bisata nka vyose. Izo mpapuro kandi zasa n’izari zatowe ku munsi wa mbere mukakaro i Gitega hamwe no ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Bujumbura inyuma y’umusi umwe. Bonfils Niyongere

Inyandiko zitagira umukono zigize imisi zitogwa hirya no hino mu ntara ya Gitega no ku kirimba c’umukuru w’igihugu harimwo, ngo ni ikimenyetso cerekana ko abanyagihugu barambiwe n’intwaro yiwe. Ivyo bivugwa n’urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta. Urwo runani rusigura ko iyo ata gisata na kimwe kigenda mu buzima bw’igihugu, ngo nukuvugako abategetsi biba vyabananiye, ko haba hasigayeko bavaho hakaza ababishoboye ku neza y’abanyagihugu. Urunani CFOR ARUSHA ruhamagarira abarundi bose bakunda igihugu kuja hamwe bakikurako ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye bwashize igihugu mu magogwa atagira uko angana. Dutegamatwi Jean Bosco Rwigewmera icegera c’umukuru w’urunani CFOR ARUSHA.

 

Umugambwe CODEBU ntacizere na gito ufise ku matora yimirije mu mwaka w’2025 no mu mwaka w’2027. Kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU avuga ko ayo matora ashobora kuba mabi gusumba amatora yose amaze kuba mu BURUNDI kuva mu mwaka w’2005 ngo kuko ni irya mbere inzego zose zijejwe gukurikirana no gutegura amatora ziharijwe n’umugambwe uri ku butegetsi nabo bacuditse. Tega amatwi kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU.

 

Kefa Nibizi avuga kandi ko naho atacizere bafitiye ayo matora asaba abanyagihugu kudacika intege nyabuna nibaba bashaka ko ibintu bihinduka bazoyitabire cane cane mukuyacungera ntihagire ababaca muryahumye.

 

Turabandanya n’amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi mu gisata co kumenyesha amakuru,

Umumenyeshamakuru Gerard Nibigira wa Radio Isanganiro ntakwiye gukurikiranwa imbere y’ubutungane kuko ata caha na kimwe yagirizwa uretse ko ariko arakoregwa irementanya. Bivugwa na Innocent Muhozi arongoye ikigo OPB kijejwe guhanurana hagati y’ibimneyeshamakuru mu Burundi. Abivuze inyuma yaho uwo mumenyeshamakuru yitwariwe n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega amukubaguye akongera akamwitwarira mu butungane. Innocent Muhozi akavuga ko leta y’uburundi ata nakimwe yunguka muguhohotera abamenyeshamakuru ahubwo bituma n’amakungu atayizera na gato. Agasaba ko uyo mumenyeshamakuru atokurikiranwa kuko ariko azira umwuga wiwe. Kurikira.

 

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta rivuga ko ribabazwa n’ukuntu agateka k’abamenyeshamakuru kabandanya guhungabana k’urugero runini. Ishirahamwe OLUCOME rifatira naryo akarorero kubiherutse gushikira umumeyeshamakuru Gerard Nibigira wa radio Isanganiro akorera mu ntara ya Gitega. Gabriel Rufyiri arirongoye asaba inzego zijejwe gukingira umwuga wo kumenyeshamakuru guhagura bagakingira abamenyeshamakuru bakubagugwa n’abajejwe umutekano. Kurikira.

Aya makuru makuru makuru yaranze ino ndwi tuyasozerere mu gisata c’indero.

Abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye Lycée Mwabiro ya mbere muri komine Mutumba mu ntara ya Karusi bidogera musitanteri w’iyo komine ko yategetse umuyobozi w’iryo shure n’abarezi kureka umwana wiwe agakora ikibazo yari yayobewe. Ivyo vyabaye ku munsi wa gatatu uheze mu gihe abandi banyeshure bari mu buruhuko. Abo bavyeyi basaba ko ivyo vyoja ahabona, abajejwe indero bagashira ho umugwi wiga ico kibazo hagafatwa ingingo hisunzwe amategeko. Iyi nkuru tuyibaze Janvier Habarugira.

 

Ninahano duciye dusozerera amakuru yaranze ino ndwi twariko turabashikiriza, ndabipfurije kuroranirwa aho muherereye hose, nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi